Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Mirror Team urageramiwe n’ugusambuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umurwi Mirror Team urageramiwe n’ugusambuka

Umurwi Mirror Team urageramiwe n’ugusambuka

lundi 14 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umusore azwi Kw’izina rya Aimé Loverness yahora arongoye umurwi MirrorTeam yemanze ko yasezeye kuririmba muri uwo murwi. Mu gihe imirwi myinshi isamburwa no kudahuza kw’abayigize, muri Mirror Team siko vyagenze.

Aimé Loverrness avuga ati : "Hari igihe gufata ingingo biba bigoye, na cane cane iyo usanze ko ugiye guheba ivyo warondeye n’umutima n’inguvu zawe zose, iyo uravye intambwe muba mugezeko canke umuryango uba waraharonse, ariko kandi n’ubwo uba uri umu "Leader", iyo haje irindi jwi ry’umu "Leader des leaders" rikubwira ibitandukanye n’ivyo warimwo, n’ubwo wokwigira ko utaryumvise canke ukigira simbona, ni ivy’akanya gato utegerezwa kurekura kuko ngo hari impamvu yagutoye muri benshi."

JPEG - 35.3 ko
Aimé Loverrness yahora arongoye umurwi Mirror Team

Aimé yongera ati : "Naragerageje kwigira umuhinga mu gutahura ko ntota MirrorTeam, nirengagiza ico Imana inshakako ariko incuro zose nabigerageje niho natahura ko Imana idaharirizwa kandi idafyina." Aimé Loverness yemenga ko yitavye akamo k’Imana, kuko agiye kuririmbira iyo Mana.

Umurwi w’abaririmvyi Mirror Team si ubwa mbere uvamwo umwe mu bawugize. Watanguye ugizwe n’imisore itanu. Ubwa mbere hagiye uwitwa Landry, ubu naho hagiye Aimé Loverness yari anawurongoye.

Tubibutse ko umurwi Mirror Team usigayemwo abasore Nick, Patrick Dizzy na Patrick.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.