Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Muzinga watsinzwe urukino rwa mbere mu nkino za gisirikare za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Muzinga watsinzwe urukino rwa mbere mu nkino za gisirikare za (...)

Umurwi Muzinga watsinzwe urukino rwa mbere mu nkino za gisirikare za EAC

dimanche 27 Myandagaro 2017

Mu rukino rwabaye k’umuhingamo wo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017,imirwi yose yatanguye urukino yerekana ishaka ryo gutahukana intsinzi.

Igice ca mbere c’urukino, imirwi yose uwaserukiye Uburundi na Ulinzi Stars waserukiye igihugu ca Kenya, yagumye ikina neza,ico gice gica gihera ata murwi n’umwe utsinze uwundi.

Mu gice ca kabiri c’urukino,umurwi Ulinzi Stars wo mu gihugu ca Kenya niho watsinda igitsindo ca mbere, urukino ruca ruhera umurwi Ulinzi Stars utsinze umurwi Muzinga ico gitsindo kimwe.

Urwo rukino nirwo rwuguruye inkino za gisirikare zihuza ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, rukaba rwari rwatewe iteka n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, ari nawe yuguruye izo nkino.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.