Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba watakaje ibibanza ku rutonde rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba watakaje ibibanza ku rutonde rwa (...)

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba watakaje ibibanza ku rutonde rwa FIFA

jeudi 1er Ruheshi 2017

Umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba uza mu kibanza c’148 ,ikibanza kimwe gusa inyuma y’ikibanza c’umurwi nserukiragihugu wa Sudani yo mu Bumanuko bategura gukina kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi 2017, mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rya CAN rizoba mu mwaka uza.

Ku mugabane wa Afrika,umurwi uza mu kibanza ca mbere kuri urwo rutonde rwa FIFA ni umurwi wa Misiri uza mu kibanza ca 20 kw’isi ,ugakurikirwa n’umurwi wa Senegal uza mu kibanza ca 27,Cameroun uza mu kibanza ca 32,Nigeria uza mu kibanza ca 38,ugakurikirwa n’umurwi wa Republika iharanira intwaro rusangi uza mu kibanza ca 39,iyindi igakurikira.

Mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,umurwi uza mu kibanza ca mbere kuri urwo rutonde ni umurwi w’igihugu c’Ubuganda,uza mu kibanza ca 71,ukurikirwa na Kenya uza mu kibanza ca 74,Urwanda ruza mu kibanza c’128, Tanzaniya mu kibanza c’139, na Sudani yo mu bumanuko iza mu kibanza c’147.

Hamwe umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba wotsinda umurwi wa Sudani yo mu Bumanuko mu nkino zibiri zitegekanijwe, ushobora kuduga ibibanza bikeya kuko,umurwi wa Sudani yo mu Bumanuko uri imbere y’uwo Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.