Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi utahanye amanota atatu
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi utahanye amanota atatu
samedi 10 Ruheshi 2017
Kuva urukino rutangura umurwi nserukiragihugu w’Uburundi werekanye ko waje gukina urukino ukeneye intsinzi ,kuko ku munota wa 10 gusa kizigenza w’umurwi Yamin Selemani yateye umupira uca hirya gato y’izamu ry’umurwi wa Sudani y’Ubumanuko.
- Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba
Ku munota wa 12, umukinyi Amissi Cedrick akina mu gihugu ca Portugal yari yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi , haheze iminota ine gusa,umukinyi Gael DUHAYINDAVYI yinjiza igitsinzo ca kabiri ku mupira yateye ari nko ku metero 30.
- Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bigina intsinzi
Urukino rwabandanije umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wifatiye urukino, ku munota wa 32 umukinyi Fiston Abdulazak yasa nuko atariko arabona igori, yinjije igitsindo ca gatatu c’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.
- Umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko
Gushika ku munota wa 45 w’igice ca mbere,umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko ntiwari bwerekane ko ushobora gutsinda umurwi nserukiragihugu w’Uburundi,igice ca mbere c’urukino gica gihera ari ibitsindo bitatu vy’Uburundi ku busa bwa Sudani y’Ubumanuko.
Igice ca kabiri
c’urukino catanguye umurwi wa Sudani y’Ubumanuko yerekana ko ije ishaka kugombora ibitsindo, ariko abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi bagumye bigenza neza bararonka uburyo bwo kwinjiza naho bataronse ibitsindo.
Igice ca kabiri caheze umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba ata gitsindo uronse,urukino ruca ruhera ku ntsinzi y’ibitsindo bitatu vy’Uburundi ku busa bw’umurwi wa Sudani y’Ubumanuko.
Olivier NIYUNGEKO:Impinga iracari ndende tuzobandanya kwitegure
Ku ruhande rw’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Olivier NIYUNGEKO arashima ko urukino rwagenze neza kuko bibonekera ku ntsinzi baronse.
- Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO
Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO ati:«Uravye ingene twateguye urukino kuva kw’igenekerezo rya 22 Rusama 2017 ,twisunze ingene bakina imipira miremire,twabwiye abakinyi ko mu minota 15 ya mbere boba batsinze kandi twatsinze ibitsindo bibiri arivyo vyazanye icizere. Impinga iracari ndende tuzobandanya dutegura kugira tubandanye gutsinda.»
Ati :«Muri aya mahiganwa biba vyiza iyo utsinze vyinshi kuko bitanga akarusho,akavuga ko urukino rwa mbare rwama rugoye,uko biteguye n’ingene bashitse batevye vyatumye babikorerako kugira bategure inkino zikurikira.»
BILAL Felix Komoyangi:Ntaco novuga ku rukino rwo gusubiriza
Umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu wa Sudani y’Ubumanuko BILAL Felix Komoyangi yakeje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi , yemeza ko ari umurwi mwiza, aca amenyesha ko kuba bashitse amasaha make imbere y’uko urukino ruba bishobora kuba arivyo vyatumye batsindwa.
Ku kibazo co kumenya nimba mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko bazotahana intsinzi yavuze ati:«Ntaco nshobora kuvuga ku rukino rwo gusubiriza, gusa umupira w’amaguru ni umupira w’amaguru.»
Kizigenza w’umurwi nserukiragihugu Yamin Selemani NDIKUMANA yavuze ko intsinzi bayikesha ukwitanga kw’abakinyi, kandi bagerageje gukurikiza ivyo basabwe gukora n’umumenyereza. Asaba abarundi bose kuza kubashigikira mu rukino rukurikira kuko batanguye neza kandi bakeneye gushigikirwa.
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uri mu murwi umwe n’Umurwi wa Sudani y’Ubumanuko, Gabon na Mali, mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu CAN 2019 rizobera mu gihugu ca Cameroun.
- Abakinyi binjira mu kibuga imbere y’urukino
- Umunezero w’abakunzi b’Intamba mu Rugamba
MUGISHA Van Naris