IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi ugira kane w’Abarundi 503 wahungutse uva i Nduta

Umurwi ugira kane w’Abarundi 503 wahungutse uva i Nduta

mercredi 20 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Imiryango igera kw’ijana na mirongo itatu n’indwi (137 familles) yahunze iva mu ntara ya Rutana niyo yashikanwe ku butaka bw’Uburundi kuri uwu wa kabiri yinjiriye mu ntara ya Makamba. Yabaye irashirwa mu kigo kijejwe kwakira impunzi vy’imfatakibanza co muri komine Mabanda muri iyo ntara nyene ya Makamba.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, izo mpunzi zakiriwe na Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yasavye abajejwe intwaro kuzokwakira neza abo barundi bahungutse, bashikire mu vyabo yaba ingo canke amatongo.

Abo barundi barashima kubona batahukanwe mu gihugu cabo, bakemeza ko mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya bari babayeho mu buzima bubi.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi kw’isi rikaba ryabaye rirabaha imfashanyo igizwe n’imfungurwa hamwe n’amafaranga agera ku madorare mirongo ine (40$) ku muntu arenza imyaka cumi, hamwe n’amadorare mirongo ibiri (20$) ku muntu atarenza imyaka 18.

Mu bushikiringanji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko ico gikorwa c’ugutahukana impunzi z’Abarundi kizobandanya gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, abarenga ibihumbi 12 bakaba aribo bitezwe.

Nk’uko biri ku kirangaminsi c’uko abo barundi bazotahukanwa, ikigo co mu Kajaga muri Bujumbura rural kizokwakira abashika 432 harimwo 59 bava mu ntara ya Bubanza, 129 bo mu gisagara ca Bujumbura, 169 bo mu ntara ya Bujumbura Rural, 53 mu ntara ya Cibitoke hamwe na 22 bo mu ntara ya Mwaro bazoshika ku magenekerezo ya 7,12 na 21 z’uku kwezi kwa Nyakanga.

Ikigo co mu Gitara kiri mu ntara ya Makamba kizokwakira abashika 1690, bagizwe na 934 bava i Makamba, 572 bo mu ntara ya Rutana, 152 bo mu ntara ya Rumonge hamwe na 32 bo mu ntara ya Bururi bazoshikanwa ku magenekerezo ya 14,19,26 na 28 Nyakanga 2017.

Ibigo vya Nyabitare na Ruyigi vyo mu ntara ya Ruyigi bikazokwakira abantu 2062, harimwo 1453 bava mu ntara ya Ruyigi, 557 bo mu ntara ya Cankuzo hamwe n’abashika 52 bo mu ntara ya Gitega bakazoshikanwa ku magenekerezo ya 7,12 Nyakanga hamwe no ku magenekerezo ya 24,26 na 31 Gitugutu 2017.

Ikigo ca Songore kiri mu ntara ya Muyinga kikazokwakira abashika 1281 bava mu ntara ya Muyinga, 928 bo mu ntara ya Kirundo, 65 bo mu ntara ya Kayanza hamwe n’abashika 257 baturuka mu ntara ya Karusi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.