Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi ujejwe gukinga ihonyabwoko usaba Ubufaransa kutivanga mw’itunganywa (...)
Umurwi ujejwe gukinga ihonyabwoko usaba Ubufaransa kutivanga mw’itunganywa ry’Uburundi
jeudi 31 mai 2018
Mw’itangazo ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 31 Rusama 2018, Jean de Dieu MUTABAZI arongoye ONPGH amenyesha ko bakiranye umubabaro ivyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yo kuwa 17 Rusama 2018.
Muri iryo tangazo, Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, iriyamiriza ivyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, aho bwamenyesheje ko abari mu bwoko bw’abatutsi batagikingiwe mw’ibwirizwa nshingiro rishasha.
Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, imenyesha ko ibijanye no kunganisha ubwoko vyubahirijwe mu bisata nyamukuru vy’ubuzima bw’igihugu.
Muri uwo murwi ujejwe gukinga ihonyabwoko, bamenyesha ko mu nama nshingamateka abatutsi baserukiwe ku bice 40 kw’ijana, abahutu bagaserukirwa ku bice 60 kw’ijana, mu nama nkenguzamateka abatutsi 50 kw’ijana, abahutu 50 kw’ijana, mu nzego za Reta, abahutu ni 60 kw’ijana, n’abatutsi 40 kw’ijana, mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi, abahutu baserukiwe ku bice 50 kw’ijana, abahutu ku bice 50 kw’ijana.
- Jean de Dieu MUTABAZI, umukuru w’umurwi ujejwe gukinga ihonyabwoko
Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, imenyesha ahubwo, ko mw’ibwirizwa nshingiro rishasha, n’igisata c’ubutungane habayemwo ukunganisha ubwoko, kuko abahutu bazoserukirwa ku bice 60 kw’ijana, abatutsi bagaserukirwa ku bice 40 kw’ijana.
Kubera ivyo, Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, imenyesha ko abategetsi b’igihugu c’Ubufaransa bari bakwiye nyabuna kureka kwerekana inyifato icanishamwo, kuko bishobora gutuma abarundi bacanamwo, kandi bariko bakora ibishoboka vyose mu gutsimbataza ubumwe no gusubiza hamwe.
MUGISHA Van Naris
Messages
31 mai 2018, 12:45, par ANDRE NDUWIMANA
Uyu atwara umurwi ntazi ico ashinzwe ? Nareke kawinjirira SG du Gouvernement.
Uyu murwi ntushinzwe imigenderanire.
31 mai 2018, 19:50, par Mama
Ivyovyavuzwe nubufrasa umurunziwariwewese yarikwiye kuvyiyamiriza mbere nimbabikunda twaridukwiye gushira imbere yubutungane abobafrasa kuko ivyobavuze birateye akagongwe !
31 mai 2018, 21:52, par zebras
uwo mugwi nic ubrey ho nuvyiyamiriz kuk les divisions ethniq ont pris l’origine dans les pays colonisateurs.ikarata yubutunzi bwuburundi yafatiw h ?bavuga ivyo gucanishamw abarund kugra barnk ukunt bogaruka ngaha kwisoromera no gtranya abarund arik ntibigikunda twarabahinyuy nibateshw bat.murakoz
2 juin 2018, 21:14, par Bobar
Imana Yonyene Niyo Izokinga, Nayo Abantu Bavuga Ivyo Kwiyorohereza