IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umurwi ujejwe ibibazo vy’abakozi n’akazi usabwa gufasha mu kibazo co (...)

Umurwi ujejwe ibibazo vy’abakozi n’akazi usabwa gufasha mu kibazo co gukwiragiza abigisha

vendredi 6 Gitugutu 2017

Gerard NIYoNGABO arongoye SEPEDUC mu rwandiko inomero SEP./NA./014/2017 yarungikiye uyo murwi, amenyesha ko ibibazo vyatewe n’igikorwa co gukwiragiza abigisha aho babuze ko vyatumwe n’itunganywa ribi ryakozwe mu myaka yahera rijanye no gutanga impusha ku bigisha basaba kwunguruza mu bindi bice kuko kenshi vyakorwa mu kworoherezanya bica bituma imihingo imwimwe ica ibura abigisha.

Umukuru wa SEPEDUC ashikiriza kandi ko ivyakozwe mu gutanga impusha abakozi aho bakorera ko vyatumye intara zimwe zimwe zihura n’ikibazo gusumba abandi.

SEPEDUC ivuga ko vyofasha hateguwe ibisabwa kuri buri muntu arabwa n’ico gikorwa kugira izo ngorane ntizizosubire kwiyadukiza kuko bituma bihungabanga imiryango hamwe n’akazi mu gihe mu kunguruza umwigisha aho akorera bitokwisunga imibereho y’umuntu hamwe n’imibereyeo ijanye n’akazi nkuko amategeko mpuzamakungu abisaba.

Mu kurangiza Gerard NIYONGABO asaba ingingo zafashwe n’Ubushikiranganji bw’indero zijanye no gufata umwigisha atazotonda ku mirimo gushika igenekerezo rya 4 gitugitu 2017 ko azoba asa nuwahevye akazi ko yorekwa gukwirikiza.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.