Accueil > Amakuru > Amashuri > Umurwi ujejwe ibibazo vy’abakozi n’akazi usabwa gufasha mu kibazo co (...)
Umurwi ujejwe ibibazo vy’abakozi n’akazi usabwa gufasha mu kibazo co gukwiragiza abigisha
vendredi 6 Gitugutu 2017
Gerard NIYoNGABO arongoye SEPEDUC mu rwandiko inomero SEP./NA./014/2017 yarungikiye uyo murwi, amenyesha ko ibibazo vyatewe n’igikorwa co gukwiragiza abigisha aho babuze ko vyatumwe n’itunganywa ribi ryakozwe mu myaka yahera rijanye no gutanga impusha ku bigisha basaba kwunguruza mu bindi bice kuko kenshi vyakorwa mu kworoherezanya bica bituma imihingo imwimwe ica ibura abigisha.
Umukuru wa SEPEDUC ashikiriza kandi ko ivyakozwe mu gutanga impusha abakozi aho bakorera ko vyatumye intara zimwe zimwe zihura n’ikibazo gusumba abandi.
SEPEDUC ivuga ko vyofasha hateguwe ibisabwa kuri buri muntu arabwa n’ico gikorwa kugira izo ngorane ntizizosubire kwiyadukiza kuko bituma bihungabanga imiryango hamwe n’akazi mu gihe mu kunguruza umwigisha aho akorera bitokwisunga imibereho y’umuntu hamwe n’imibereyeo ijanye n’akazi nkuko amategeko mpuzamakungu abisaba.
Mu kurangiza Gerard NIYONGABO asaba ingingo zafashwe n’Ubushikiranganji bw’indero zijanye no gufata umwigisha atazotonda ku mirimo gushika igenekerezo rya 4 gitugitu 2017 ko azoba asa nuwahevye akazi ko yorekwa gukwirikiza.
Vianney BIKORIMANA