Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi ujejwe ivyohindurwa mw’ibwirizwa shingiro washizweho
Umurwi ujejwe ivyohindurwa mw’ibwirizwa shingiro washizweho
mercredi 3 Rusama 2017, par
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA aheruka gushira umukono kw’itegeko rigena umurwi w’abantu 15 bajejwe gushikiriza ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Uwo murwi wegukira ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ukaba ufise ikiringo c’amezi atandatu.
Mu gihe ayo mezi atandatu yohera uwo murwi utaraheza igikorwa c’ukwerekana ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, bitegekanijwe ko uzokwongera ikiringo kimwe c’amezi abiri, naho nyene abagize uwo murwi akaba aribo bazosaba ko bongerwa ico kiringo.
Abagize uwo murwi ni Abarundi cumi na batanu batowe mu mice itandukanye : uwuserukira ibiro vy’umukuru w’igihugu, uwuserukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwuserukira ubushikiranganji bw’ubutungane, batatu baserukira imigambwe hamwe n’abigenga bafise intebe mu nama nshingamateka y’Uburundi, babiri baserukira imigambwe itari mu nama nshingamateka, batatu baseruki amadini, umwe aserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, umwe aserukira ihuriro ry’abakenyezi, umwe aserukira urwaruka, hamwe n’umwe aserukira ubwoko bw’abatwa.
Inama nshikiranganji yari yakoranye kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2017 yari yize integuro y’itegeko ivuga ibijanye n’umurwi uzohinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.
Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi babona ko uguhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ata kindi bigamije atari uguhindura ingingo ivuga ibiringo vy’umukuru w’igihugu, kugira Petero NKURUNZIZA ashobore kuzosubira kwitoza mu mwaka w’2020, hamwe n’iyindi myaka.
Tubibutse ko umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi wamenyesheje mu cegeranyo c’ivyo umaze gushikako, ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.
IGIHE
Messages
3 Rusama 2017, 17:50, par bizimanaphilbert
turashimye kweri kuriyo ngingo.kandi turunva ko abarundi bose baserukiwe.nico bene burundi twariturindiriye.
3 Rusama 2017, 17:51, par Mbogoyishamba
Komera Mutama Tukurinyuma,mwarimwaratevye.
3 Rusama 2017, 18:16, par Wakera
Nibanyarutse. Naho mujeri zimeze nkanje zeyahure.
3 Rusama 2017, 19:11, par bizimanaphilbert
ku ngingo zizohindugwa ntibaze bibagire abafise ubumuga.noguhagarika imishahara iguma ihebwa abari abakuru bibihugu.kandi inyifato yabo iguma isambura igihugu.habeho gusa guha agashimwe nkinzu uwashishikaye yifata neza inyuma yokuva kubutegetsi.mrk
3 Rusama 2017, 19:31, par Nzomukunda
Barahinyanyu Ibwirizwashingiro Neza Twipfuzamutama Kazodutwara Kugeza Ashaje Ntitukigomba Zantwaro Zarenganye Zubwoko Bumwe Zicabamwe Zigakiza Abandi Ubu Amokoyose Araserukiwe Nomurwanda Arigikenye Mbona Azosubira Kwitoza Kandikunguvu Perezidawacuwe Kuki?
3 Rusama 2017, 19:53, par Arakaza
Nukuri Nguhindura Ibwirizwa Shingiro Nibirazwe Gusa Bobikora Bisunga Ineza Y’igihugu N’abenegihugu Kuburyo Amahoro N’umutekano B’umurundi Uwariwe Wese Atekanirwe,nayo Rinduka Kunyungu Zumwumwe Ntakazoza Keza Vyotumarira,abo Bizeye Bakore Baravye Ineza Yabenegihugu.
4 Rusama 2017, 02:05, par KAKA2
Mutama mwari mwaratevye komera natwe turagushigikiye komera
4 Rusama 2017, 05:53, par Wakera
Arahumba ahindure canke areke azoba nka Mobutu!!! Umukenyuro waramaze guhera kuri BAC A SABLE!!! Vyari kuba vyiza iyategura iyoyoja atakiri kubutegetsi none it is too late!!!!
4 Rusama 2017, 16:43, par Serupyipyinyurimpyisi Gaspard
@wakera(Rubebe). Uzavuga ugeze igihe wicwa n’agahinda.uwakubyaye yaruhiye ubusa kuko yabyaye inguge.
4 Rusama 2017, 21:01, par Uwitonze
NATWARE UWUTAZI AHOYADUKUYE NTACAZI!! ICONZI NTAMUHANUZI MUBABO TURAMUTORAPEEE
4 Rusama 2017, 22:02, par Mpuhweyimana
Murakoz Arika Jewendavye Ahotuvuye Nihabi Banyakubahwaturabakunda N’igihugucacu Turagikunda Ivyobamyebitwaza Vyovamwobisubira Raba Abacuntibaratahuka Inzarayoyontiseswa Ntakuntumworindira Abahunzebagahunguruka Kugirabadufashe Ntakabikanyu Arikosibosibabishima Ivyomudukorer Icocariciyumvirocanje Muhezag
5 Rusama 2017, 07:31, par BOSCO SINDAYIGAYA
JEWE ICOMBONA UYOMURWI UJEJWE IHINYANYURWA KW’IBWIRIZWA SHINGIRO WOBIKORA BIJAMUNGIRO
5 Rusama 2017, 17:57, par Renovat
Turarindiriye Ukunt Bizogenda
6 Rusama 2017, 17:36, par Mob
Wakera Komera kumuheto ibyo uvuga nibyo azavaho nka mobutu canke LD kabira niho birikuganisha
6 Rusama 2017, 18:45, par Ambassadeur Gr Géant Ndikumana
Sha Jew Mbona Nkurunziza Yihenz Kk Hamw Ceni Yokora Yigenga Nta Bice Bisabwa Boronka Ahubwo Nkurunziza Namba Ashaka Mandat Yindi Yoraba Iyind Mitw Yokoresha Nko Mukusigurira Abarund Ko Mandat Ya Kabir Yakubitsw Coup D Etat Atayo Yamaz Ko Ubu Ariko Atwara Mandat Yamber Yinyuma Ya Leta Yaba Pushiste
6 Rusama 2017, 20:28, par Cobla rouge
Rihindure ryuzuye amakosa ba Buyoya barisigiye yo kuvangura amoko
10 Rusama 2017, 10:13, par Karabagega
Nyakubahwa Nkurunziza Azorongoruburundi Kugeza Akuwe Nubusaza Muvyunve Mubitahure Mubimenyere
13 Rusama 2017, 22:22, par Elias Mpozamarira
Iyongingo yo guhindura ibwirizwa nshingiro nukurondera inzira yokwiyorohereza, kwabategetsi bamwe bamwe bafise ivyo bagirizwa mugihugu!,kandi niko badakozuko ntahandi hokwinyegeza.
Ariko umwe niwe yise umwana wiwe ngo birame ntangare !,reka tubirindire tuzorabe iherezo ryavyo.
25 Rusama 2018, 12:19, par Siméon bucumi
YEE IBWIRIZWA SHINGIRO RYAHINYANYUWE NISAWA GUSA NUKO RIKUMIRA URWARUKA KUBA PRESIDENT