Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi w’igihugu ujejwe gukinga ihonyabwoko ntiwashimye ivyashikirijwe na (...)
Umurwi w’igihugu ujejwe gukinga ihonyabwoko ntiwashimye ivyashikirijwe na Michel KAFANDO
mercredi 28 Ruhuhuma 2018, par
Imbere y’abagize inama y’umukano ya ONU, Michel KAFANDO yashikirije amakenga ya ONU ku gikorwa c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro kizoba mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka, hamwe n’ubwigenge bwa poritike butubahirizwa kuri bose.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Jean de Dieu MUTABAZI, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gukinga ihonyabwoko yagize ati :
"Kuri uwu wa mbere, intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru wa ONU Michel KAFANDO yemeje ko amahoro n’umutekano birangwa mu Burundi, ariko arongera ashikiriza amakenga kuri aya matora yimirije y’ibwirizwa shingiro rihinyanyuye."
- Jean de Dieu MUTABAZI, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gukinga ihonyabwako
Kuri ico gikorwa c’amatora y’uguhindura ibwirizwa shingiro, Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko isaba amashirahamwe mpuzamakungu ko yorungika abarorerezi kuraba ingene amatora y’ibwirizwa shingiro azogenda.
Mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yatanguye kuri uwu wa mbere i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Michel KAFANDO yamenyesheje mu cegeranyo ca ONU, ko icuka ca poritike kitifashe neza mu Burundi, kuko hari abanyeporitike batagira ubwigenge bw’ugukora poritike. Ico cegeranyo kikavuga ko uguhinyanyura ibwirizwa shingiro bishobora gukwega indyane mu Burundi.
Muri ico cegeranyo, Michel KAFANDO yamenyesheje ko umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, ariwo wonyene, hamwe n’imigambwe icuditse nawo, wemererwa gukora ibikorwa vya poritike. Muri ico gihe, iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi ivuga ko amatora ahurijweko na bose adaheza ngo ashoboke.
Michel KAFANDO akaba yabwiye abategetsi b’Uburundi ko botahura ko ONU irajwe ishinga n’ugutorera umuti ibibazo bihanze Uburundi, bishobora gukwenga indyane muri kazoza, akibutsa ko amahoro n’umutekano vyaranzwe mu Burundi inyuma y’intambara, ari kubera amasezerano y’i Arusha yahurijweko n’abegwa n’ibibazo vya poritike mu Burundi.
Egide NDUWIMANA
Messages
28 Ruhuhuma 2018, 13:55, par Busurahende
Iyo Abarundi isinzi bariko baricwa, bagahohoterwa kubera ivyiyumviro vyoba, abandi bakanyururwa ntihagire n’uwumenya irengero ryabo, abo bantu Leta ishira imbere ngo mama borongoye imirwi y’ibi na biriya ntibigera barugoborora. Bashizweho kugira bashigikire amakosa Leta ikora. Hariho n’uwuheruka kuvuga ko bigenga, bagafata ingingo bashaka.