Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Navy Kenzo umenyesha ko uzi abaririmvyi babiri gusa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umurwi wa Navy Kenzo umenyesha ko uzi abaririmvyi babiri gusa mu (...)

Umurwi wa Navy Kenzo umenyesha ko uzi abaririmvyi babiri gusa mu Burundi

samedi 2 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gitondo c’uwu wa gatandatu igenekerezo rya kabiri Nyakanga, niho umurwi Navy Kenzo washika ku kibuga c’indege c’i Bujumbura. Mu kiganiro bagiranye n’abamenyeshamakuru, bemeje ko aho bukera bazobica bigacika narirya ari ubwa mbere baje mu Burundi. Nk’uko babishikirije, bahisemwo gukorera igiteramo mu Burundi kubera bazi ko bafise bahafise abakunzi benshi.

Navy Kenzo bavuga kandi ko biteguriye gutambana n’abakunzi babo muri ico giteramo. Bavuga kandi ko biteguriye gukorana n’umuririmvyi wese avyipfuza ariko afise ico amaze gukora. Navy Kenzo bavuze ko mu baririmvyi b’Abarundi bazi Kidum na Fizzo naho uwo agira kabiri bavuga ko akunze kuririmba mu Kirundi.

Kuri Lacoste Beach, nta muririmvyi w’umurundi yari kumwe nabo yaba Fizzo, Lolilo na Peace&Love bazokorana igiteramo.

Tubibutse ko Navy Kenzo ari umurwi w’abaririmvyi bo muri Tanzaniya ugizwe na Emmanuel Mkono aririmba kw’izina rya Nahreel n’umwigeme Aika. Abo babiri bakaba bamaze imyaka irenga icumi bakundanye.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.