Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abarundi gukingira ibibanza birimwo (...)
Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abarundi gukingira ibibanza birimwo amazi
vendredi 3 Ruhuhuma 2017
Mu gihe kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma uko umwaka utashe,amakungu ahimbaza umunsi wahariwe ibibanza birimwo amazi,umushikiranganji w’ibidukikije,amazi,amatongo no gutunganya ibisagara Célestin NDAYIZEYE asaba abarundi gukingira ivyo bibanza.
Mw’itangazo yashikirije ry’umunsi wo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ibibanza birimwo amazi,umushikiranganji Célestin NDAYIZEYE yamenyesheje ko ivyo bibanza bitegerezwa gukingirwa kuko bifise akamaro kanini ku binyabuzima.
Célestin NDAYIZEYE yavuze ko ibibanza birimwo amazi bifise uruhara runini mu kugabanura ingaruka zikomeye zivuye kw’ihindagurika ry’ikirere nk’imyuzurira,ubugararwa hamwe n’imiyaga y’ibihuhusi.
Umushikiranganji w’amazi,ibidukikije,amatongo no gutunganya ibisagara amenyesha ko ibibanza birimwo amazi bifatwa minenerwe canke bigakoreshwa mu zindi ntumbero zitabereye,mu gihe vyari bisanzwe bishbra gufasha abantu gusubira kwiyungunganya mu gihe habaye ibiza.
Celestin NDAYIZEYE amenyesha ko abashakashatsi berekanye ko ibibanza birimwo amazi vyababa ibice 64 kw’ijana vyazimanganye kuva mu mwaka w’1990.
IGIHE
Messages
4 Ruhuhuma 2017, 20:05, par Kanyosha
Nyakwubahwa mushikiranganji, kuba ivyobibanza vyababa 64% vyarazimanganye ingarukambi yavyombi niyiyihindagurika ryibihe ririko riradukorako, ibihuhusi, imyuzurira, uruzuba, imvurayumurengera, urubura, nibindi, mukomeze mutwigisha tumenye ko ibibi bibamwikigihe koharaho natwe tubigiramwo uruhare.