Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuco ku bivugwa ku mushikirizamanza Alexandre Barampahije abarizwa muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umuco ku bivugwa ku mushikirizamanza Alexandre Barampahije abarizwa muri (...)

Umuco ku bivugwa ku mushikirizamanza Alexandre Barampahije abarizwa muri Amerika

mardi 10 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’abegereye Alexandre BARAMPAHIJE aremeza ko uwo mushikirizamanza mukuru akukira Sentare isubiramwo imanza i Bujumbura ari mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, ariko ko asanzwe afise akaruhuko.

Mu bushikiranganji bw’ubutungane bavuga ko atawokwihutira kuvuga n’ukwemeza ko Alexandre BARAMPAHIJE yataye akazi, kuko n’ako karuhuko kiwe yasavye katarahera.

JPEG - 10.2 ko
Alexandre BARAMPAHIJE, umushikirizamanza mukuru akukira Sentare isubiramwo imanza i Bujumbura

Eliançon BIGIRIMANA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko kugira bemeze ko yataye akazi, ari uko akaruhuko kiwe kazoba kaheze, agahabwa n’ikiringo ntarengwa c’ukuba yagarutse ku kazi, mbere bakanamugabisha mu matangazo acishwa ku nsamirizi zitandukanye, iyo umukozi wa Reta bamubuze ku kazi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.