Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yashizeho umurwi w’amatohoza ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yashizeho umurwi w’amatohoza ku (...)

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yashizeho umurwi w’amatohoza ku bwicanyi bw’i Buganda

lundi 14 mai 2018

Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Republika yashikirije abamenyeshamakuru, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Rusama 2018, yamenyesheje ko amatohoza ya mbere yerekana ko abakoze ubwo bwicanyi bavuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, akaba ari naho baciye basubira bahejeje kubukora.

Muri iryo tangazo, umushikirizamanza kizigenza wa Republika asaba abategetsi bo mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi, gufasha Uburundi mu matohoza yamaze gutangura, kugira abakoze ubwo bwicanyi bari ku butaka bwabo bafatwe, hanyuma bshikirizwe ubutungane bw’Uburundi.

JPEG - 190 ko
Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Republika

Mwomenya ko ubwo bwicanyi bwabaye mw’ijoro ryo kuwa 11 rishira kuwa 12 Rusama 2018, bwahitanye abantu 27 n’abandi benshi bakomeretse, nkuko biri mw’itangazo ry’umushikirizamanza kizigenza wa Republika.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ahubwo kora amatohoza yihuta nagahomera bunwa abajenje umutekano barihe ?

  • mbega kobihutira gukora amatohoza atagira intango niherezo hakuzibira nyabuna iyo ubwobubisha buva ukoninkokuvomera amazi mukayungiro jewe ahomprry bariko batubwira ngoturaramarondo mwumva tutariko turazira ubusa ?mugabo ngo abagabo bararya imbwa zikishura

  • Vyukuri Amatohoza Nakogwe Uwo Bizogaragara Kwabifisemwo Uruhara Afatwe Abihanigwe Hisunzwe Amategeko Gusa Abazokora Ayo Matohoza Baze Babikorane Ubwitonzi Ntihaze Hagire Uwuzobigwamwo Atabizi Tubifurije Akazi Keza Imana Ibaje Imbere Murakoze

  • NUKURI UBUTUNGANE NIBUKORE ABAKOZE UBWOBWICANYI BAMENYEKANE KUKO NIBARA !

  • Nukuri abo bakoze ubwo bwichanyi barondegwe natwe abarundi turi hanze tuzokwiyumva neza bafashwe bagashikirizwa ubutungane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.