Accueil > Amakuru > umutekano > Abaporisi basabwe kurwiza inguvu mu kurwanya abiba mw’ijoro
Abaporisi basabwe kurwiza inguvu mu kurwanya abiba mw’ijoro
mercredi 8 Ruhuhuma 2017
Umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE asaba abapolisi kurwiza inguvu mu gutuza abasuma biba mw’ijoro mu bice vya Gihosha, Gasenyi na Gisandema,biri muri Komine Ntahangwa y’igisagara ca Bujumbura.
Pierre NKURIKIYE avugira igipolisi amenyesha ko bafise amakuru ko hari abasuma bitwaje ibirwanisho biba mu masaha y’ijoro,ivyo bakabigira bariko biyunguruza ku mapikipiki aba ariko atembera mu masaha y’ijoro.
Umuvugizi w’igipolisi asaba abapolisi gukora ibishoboka vyose kugira habe ukwubahiriza amategeko, bongere kandi bahagarike abo basuma.
Abanyagihugu bo mu Gihosha, Gasenyi na Gisandema bavuga ko uretse abo biba bakoresheje ibirwanisho,hari ubundi busuma bw’abantu bategera abarengana mw’ijoro,bakabaniga ivyo bita Kanci kugeza babatse ivyo bafise na cane cane ama terefone ngendanwa.
Abo banyagihugu basaba abajejwe umutekano gukizura mu masaha y’ijoro,mu ntumbero yo gutuza ubwo bugizi bwa nabi.
IGIHE
Messages
9 Ruhuhuma 2017, 08:41, par Burundi
Ubunebwe bwanyu nabwo. Na none Abarundi baramba. Ahandi hose mwijoro niho abapolisi n’abasirikare baba magabo ariko mwebwe muba mu ryamye. Hanyuma ngo mucungereye umutekano.Ahandi hose barakurakuranwa, hari abakora umurango abandi ijoro. Jabuka aho i Rwanda, 5h abasoda baba baje gufasha abapolisi, 5 du matin bakaba basubiye mu makambi. Mwebwe muba muryamye. Incompetants.
9 Ruhuhuma 2017, 14:12, par ijwi
Akarere ka ETS haruguru y’ishure abafurera bo kwa Le gentil bashire amatara harya hantu hibirwa abantu benshi namwe abajejwe umutekano muhakorere nta ndwi izohera mutahafatiye umuntu
9 Ruhuhuma 2017, 16:43, par Stanislas bigirimana
Nuguhanura kuko ahandi hose mukarere ntamu police cank’umusoda baja kuryama twama tubogora twamaze gusenga, nimube mukinga mutaraterwa mukingire nab’abene Gihugu.