Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuyaga Irma wasambuye amazinga ya Karayibe na Antiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuyaga Irma wasambuye amazinga ya Karayibe na Antiye

Umuyaga Irma wasambuye amazinga ya Karayibe na Antiye

jeudi 7 Nyakanga 2017

Bivugwa ko hibonekeje umuyaga mwinshi mu nyuma wavuyemwo ibihuhusi bibiri,aho mw’izinga ryitiriwe Maritino mweranda hononekaye cane ku buryo n’abaja gukora ibikorwa vyo gutabara bibagora kuhashika.

Amakuru amenyeshwa ko mu gace ka Puerto Rico ico gihuhusi caharurwa k’urugero rwa nyuma rwo hejuru rwa gatanu catumye abantu imiriyoni zitatu babura amatara bivuye ku mvura n’umuyaga mwinshi vyahaguye ,bikaba bitegekanijwe ko hazohera igihe kinini ata muyagankuba ubonetse.

Abashakashatsi mu bijanye n’ibirere bavuga ko ico gihuhusi cari gifise umuyaga ugenda ibirometero 295 kw’isaha imwe .

Mu bice vya Antigua na Barbuda bivugwa ko ariho igihuhusi cahereye ,abajejwe intwaro bashikirije ko umuntu umwe yahasize ubuzima ,inyubakwa zishika 95 nazo zirononekara.

Abategetsi bemeje urupfu rw’abantuy batandatu hamwe n’ibintu vyononekaye mw’izinga ry’Ubufaransa rya St Martin na St Barthelemy.

Ubu bivugwako ata muyangankuba urangwa muri ivyo bice ,ibikorwa vyo gutabara bikaba bikibandanya.

Bitegekanijwe ko mu mazinga agenzurwa n’igihugu c’Ubufaransa,umukuru w’igihugu Emmanuel Macron ashobora kuhagendera mu gihe ikirere kizoba casubiye kwifata neza.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.