Home > Amakuru > Amashuri > Mairie: Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yafashwe
Mairie: Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yafashwe
Friday 10 August 2018, by
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako Benjamin MANIRAMBONA yafashwe giturumbuka kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika yigize umunyeshure.
Ayo makuru abandanya avuga ko abigisha b’abagenzi buyo muyobozi baguma bagendagenda hafi y’ibirasi abanyeshure bariko bakoreramwo ico kibazo nabo nyene baciye bafatwa.
IGIHE
Forum posts
10 August 2018, 15:45, by kankindi
ntivyoroshe ngo yariko akoriki yariko arabereka ikibazo canke yaracanganyikiwe? hehehehe
10 August 2018, 15:53, by kankindi
nayanditse
10 August 2018, 20:22, by Siméon Ndayirukiye
Birateye agahinda,umuyobozi nyene!!! haha abantu nkabo ntaco bamarira igihugu,usanga nabo yivyariye atakindi abigisha atari ubusuma.
11 August 2018, 06:06, by Busurahende
Reka reka uwo yari muri yindi mission. We wokwemera gute ko hari umutware wo mu bushikiranganji bw’indero yokwinjira aho abanyeshure bariko bakorera ibibazo bagenziwe bo mu bushingiranganji bw’indero ntibabone ko atari umunyeshure, mu gihugu nk’Uburundi kandi i Bujumbura? Mbega mu gushika aho bakorera ibibazo yaje muri za modoka z’ibiyo bitabona? Uburundi bwa Nyaburunga....
12 August 2018, 04:56, by Busurahende
Ewe Siméon Ndayirukiye, ivyo ni ukubimenyera uko nyene kuko niko gitwawe. Na cane cane wihweje ingingo z’urutavanako zifatwa ku musi ku musi muri ubwo bushikiranganji kandi ataco zungura mu bumenyi. Mbe wosigura gute ingene umuntu asa n’umunyeshure atwara ishure?
12 August 2018, 22:53, by Yah"yaa JW Egide
Mbega Mukuza Mwabo Banyeshure Muri Abo Bacungera Ngaho Ko Bari Abo Ngaho Ibujumbura Ntanumwe Yaramuzi? Iyo Ni Mission Sha.
13 August 2018, 19:41, by SAKUBU
none ikibazo nka exetat cokorwa batatanga karangamuntu kubera iki?mbe ko abanyeshure ba 9e yahisemwo kubicira ubuzima akabafutira amanota ya concours ngo ni impfagusa,bacumuye iki mugereranij nuyo muyobozi? mbe nawe azomuha igihano akuyehe?
13 August 2018, 22:39, by Patrick warioba
Mumugirire ikigongwe
ntazosubire
14 August 2018, 10:25, by Nadia
Kandi Aho Wosanga Adahanywe Bitwaje Ngo Babuze Itegeko Yarenze Canke Babeshe Ngo Yarway Mumutwe Kand Ntamurway Wo Mumutw Yoj Gukora Ikibazo?Azohanwe Kuko Vyotuma Tubonak Harabanyeshure Bo Mugisagara Bakorew Ama Exta Bakaja Mumakaminuza Mugihe Abandi Bana Ba Ruguru Babize Icuya Mugabo Bakananirwa.Igihugu Nticopfa Giteye Imbere Hakirih Abantu Bamezuko
20 August 2018, 10:40, by denis ingozi
uwo twarumvise ko yahanywe muga nibindi vyaha biri muri kino gihugu bize birahanwa kuko siwe yakoze icaha wenyene kandi na ministre winyigisho ingingo asigaye afata burimusi zirahahamura abana niyibuke ko arumuvyeyi agende bukebuke bizoshoboka