Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwe mu bashingamateka ba CNDD FDD ariko arakurikirana ibikorwa vya EALA i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Umwe mu bashingamateka ba CNDD FDD ariko arakurikirana ibikorwa vya EALA i (...)

Umwe mu bashingamateka ba CNDD FDD ariko arakurikirana ibikorwa vya EALA i Kigali

samedi 11 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Leonce Ndarubagiye, umwe mu bashingamateka baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, ariko arakurikirana ibikorwa vy’iyo nama nshingamateka biriko bibera i Kigali mu Rwanda, kuva kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2017.

Uwo mushingamateka ni uwo mu mugambwe CNDD FDD, akaba ari mubari babwiye umukuru w’iyo nama nshingamateka ko batazokwitaba ivyo bikorwa, ku mvo z’umutekano wabo bavuga ko batizeye mu Rwanda.

Abajijwe n’abamenyeshamakuru igituma yitavye atevye ivyo bikorwa, kandi ari mubari bavuze ko batazoja mu Rwanda, umushingamateka Leonce Ndarubagiye yishuye mu congereza ko ataco abivugako. Yagize ati : "No Comment".

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko kubona ibikorwa vy’iyo nama vyabaye abashingamateka baserukira Uburundi badakwiye, ko ata kibazo na kimwe biteye kubera igitigiri c’abaserukiye Uburundi bitavye ivyo bikorwa gikwiye kugira ingingo zikenewe zifatwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, yavuze ko kuba hari Abarundi batitavye iyo nama, bitabuza ko ibikorwa bibandanya.

Daniel Fred Kidega yibukije ko amategeko agenga iyo nama nshingamateka itegekanya ko ibikorwa bishobora kubandanya ukuri kwamye, n’ingingo zigafatwa, mu gihe igihugu kimwe mu bigize iyo nama nshingamateka kiba caserukiwe n’abashingamateka batatu.

Abo bashingamateka bane bo mu mugambwe CNDD FDD nibo batitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko. Abo nabo ni : Emerence Bucumi atwara umurwi w’abashingamateka b’Abarundi muri Afrika y’ubuseruko, Emmanuel Nengo, Ndahayo Isabelle hamwe na Muhirwa Jean Marie aheruka kuja gusubirira umupfasoni Afsa Mossi yiciwe i Bujumbura mu mwaka uheze.


IGIHE

Messages

  • Itandukanye nivyo binywamaraso ariko ntiwibazeko uhunze ubutungane! Intahe izogukubita mugahanga kubera amabi wakoze kuva 93! Ngo yishuye mucongereza ngo no comment!! That’s crazy man! He would explain himself in a language he understands!!! Is it the only word he can use before repoters when asked a simple question like that!!! What do they do in EALA!!! Now I understand why they were absent at the meeting!!! Shame on the DD system

  • Erega biribonekeza ko bahenzwe na DD,mu Rwanda hari cash mujeyo mwese icompa nanje nkajabuka nkava murubu Burundi bwa Peter Nkurumbi

  • BURYA ABA FDD BASANZE IVYO BAKOZE BIDASA NEZA MURI EAC BACA BARUNGIKA URYA MUTAMA NYENE. ABA DD BATEBA BAJA INYUMA. IMBONERAKURE ZO NI FAKE VYENYEWE. U BURUNDI UWABUHA SINDUHIJE CANKE CNARED, NAHO ABANDI BO NTITUZI IYO BADUTWARA BATUJANA!

  • Leonce Ndarubagiye, Shiiiii shiriraaaa.
    Abamenyeshamakuru baramubajije ngo kowariwavuze ngontuzoza mwiyinama umutama nimvugo ishiririye ngo’no comment muyandimajambo ni wewe nturuwo kwubahuka kuvugisha umu CNDD FDD komera mutama komeza mubacamwo ukwonyene.

  • Urakajuju Nyene Izina Niryo Muntu.

  • Aba DD bafite imyumvire iri cheap cyana kabisa. Gusubiza icyo yarabajijwe bisaba energie zingana iki kweli . Nawe buriya ngo yasubije ku munyepolitiki ufise inararibonye . Lol burundi we warababaye pe ukwiye amasengesho gusa. Ariko umuntu aba injiji yarangiza agashyiraho nibyegera bye bimufasha gutegeka igihugu kugera kuri NYUMBA_10 atamuntu muzima numwe urimo. Ariko ntacyo nakomeze umunsi haje abandi basobanutse bagakora ibyiza wenda hazagaragara difference comme ça abarundi baboneko bari baribeshye, ubwa wawundi ngo iyo atabona umwijima ntiyari kumenya ko umucyo ubaho.

  • uti rero Leonce Ndarubagiye ariko arakurikirana ibikorwa vy’iyo nama nshingamateka biriko bibera i Kigali mu Rwanda, kuva kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2017 ??????
    ngira ni iyindi nama izaba kuko iyo tariki ntiragera.
    correction

  • uyo ni mujeri yuzuye akwiriye gukoregwako canke guca akurwa mumabanga yiwe akanabibazwa kandi akogweko iperereza kuko ntawumenya ico azoza akuye mu rwavu azaniye uburundi

  • Barundi Bene Wacu Ntacyo Dupfa Mujye Muza Mu Rwagasabo Muli Sanga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.