Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Umwimbu w’agatasi watumye ibiciro bigabanuka ku masoko’’
’’Umwimbu w’agatasi watumye ibiciro bigabanuka ku masoko’’
mardi 30 janvier 2018
Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Nzero 2018, ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji mu mwaka wa 2017,umushikiranganji Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko zimwe mu mbuto zatanzwe ari itoni 83 z’ibigori,itoni 61 z’umuceri hamwe n’itoni 45 z’ifumbire.
Umushikiranganji Deo Guide RUREMA yavuze kandi ko ,ibindi vyatanzwe nk’uko ari ,imivyaro 119 y’ibitoke,imivyaro y’ibiti 536 hamwe n’itoni 8520 y’ishwagara.
Deo Guide RUREMA aramutswa ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko umwimbu w’agatasi wagenze neza ku biterwa mbumbarugo nk’ibiharage,ibiraya hamwe n’ibigori vyatumye ibiciro vyavyo bigabanuka ku masoko.
Uwo musikiranganji yasavye abarimyi kutasesagura uwo mwimbu, ariko bawubike mu bigega vyabo rusangi.
BIKORIMANA Vianney
Messages
31 janvier 2018, 21:33, par NIYOMWUNGERE PROSPER
ABARUNDI TUBISHOBOYE DUSENGERE IZOMPUZIHAMWE NIZONTARAZABAKIRIYE.ABAFISE ICOBOFASHA BAFASHE TUGIRE URUKUNDO NACANECANE KO ARUNDI TWASHIZE IMANA IMBERE.