IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwizero wa Reta y’Uburundi w’ukwakira inama ya COMESA nturahera

Umwizero wa Reta y’Uburundi w’ukwakira inama ya COMESA nturahera

vendredi 29 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji bavuga ko ata kintu na kimwe cemeza ko Uburundi budashobora kwakira iyo nama ya COMESA.

NIYUKURI Onesime, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubudandaji asigura ati : "Kugira Uburundi bushirwe ku rutonde rw’abazokwakira iyo nama, vyavuye mu nama y’abakuru b’ibihugu. N’ukugira rero Uburundi bwakwe ubwo burenganzira, bizoca muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu. Gushika ubu rero Uburundi buracafise ubwo burenganzira."

JPEG - 20.2 ko
NIYUKURI Onesime, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubudandaji

Mu gihe umunyamabanga mukuru wa COMESA ariwe yari yishikiye mu Burundi gutera umukono ku masezerano yemeza ko Uburundi buzokwakira iyo nama, imbere y’uko yandikira Reta y’Uburundi avuga ko vyahindutse, mu bushikiranganji bw’ubudandaji bavuga ko Uburundi bubandanya bugira imibonano n’abashikiranganji bo mu gihugu vyo mw’ishirahamwe COMESA, kugira babumvishe ko umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe yafashe ingingo idakurikije amategeko.

Mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubudandaji kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017, Sindiso Ngwenya, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe COMESA yamumenyesheje ko iyo nama itazobera mu Burundi nk’uko vyari vyemejwe, kubera ibikenewe vyose bidakwiye kugira Uburundi bwakire abakuru b’ibihugu bigize iryo shirahamwe, abatambukanyi babo hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ab’ubudandaji b’ivyo bihugu vyose uko ari 20.

Muvyo Uburundi budafise, umunyamabanga mukuru wa COMESA avuga nk’amahoteri adakwiye y’ukwakira abo bakuru b’ibihugu, umutekano, amazu (Salles) yokwakira abo bategetsi, urugero (Débit) rwa "Internet" ikenewe muri ayo manama rudakwiye, hamwe imiduga y’ukwunguruza abo bategetsi idakwiye.

Muri iryo kete, umunyamabanga mukuru wa COMESA yamenyesheje ko iyo nama izoca ibera ku cicaro c’iryo shirahamwe i Lusaka muri Zambiya, kw’igenekerezo rizomenyeshwa hanyuma.

Mu vyari bitegekanijwe kuba muri iyo nama ya COMESA i Bujumbura, harimwo inama ihuza abashikiranganji b’ubudandaji bava mu bihugu bigize ishirahamwe COMESA, inama ihuza abarwizatunga bava mu bihugu vya COMESA, inama ihuza abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya COMESA, inama ihuza abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya COMESA, hamwe n’inama ihuza abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe COMESA.

Muri iyo nama kandi, kari n’akaryo ko kwemerera ibihugu vya Somaliya na Tuniziya kwinjira mw’ishirahamwe ry’isoko rusangi rihuza ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko n’ako ubumanuko ku mugabane wa Afrika.

Ishirahamwe COMESA rigizwe n’ibihugu 20 arivyo : Burundi, Les Comores, République démocratique du Congo, Djibouti, Égypte, Érythrée, Éthiopie, Kenya, Libye, Madagascar, Malawi, Île Maurice, Rwanda, Seychelles, Soudan, Soudan du Sud, Swaziland, Ouganda, Zambie na Zimbabwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Eka nta nama ya Comesa izobera mu Burundi,ntamahoro n’umutekano biri mu gihugu,nta infrastructures,ntanakimwe gihari nivyari bihari mwarabinyuruje,erega DD ntaco mushoboye tari ukwica inzirakarengane,ivyiyo nama ya Comesa muvyibagirwe ahubwo mwitegure kwitaba CPI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.