Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urubanza rwa Diane RWIGARA n’umuryango wiwe rwasubiriye kwunguruzwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Urubanza rwa Diane RWIGARA n’umuryango wiwe rwasubiriye kwunguruzwa

Urubanza rwa Diane RWIGARA n’umuryango wiwe rwasubiriye kwunguruzwa

mercredi 11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umucamanza yatanguye abaza abaregwa namba bemera ivyaha, bose uko ari batatu bakaba babihakanye.

JPEG - 254 ko
Diane Rwigara yashikanwe muri Sentare nkuru ya Nyarugenge yambaye ipingu (Menottes)

Adeline Mukangemanyi, umuvyeyi wa Diane Rwigara yasavye ko yorondera abamufasha kuburana bashasha, kuko ku bwiwe, umushingwamanza Buhuru adashobora kuba umwunganizi wiwe mw’idosiye y’impapuro amajana atandatu. Uwo mutamakazi yabwiye abacamanza ko yamaze guhitamwo abandi bamufasha kuburana, amenyesha ko umushingwamanza Buhuru yobandanya gufasha Diane RWIGARA na Anne Rwigara bavukana.

Umushikirizamanza yavuze ko inzitizi Mukangemanyi afise z’uko ivyo aregwa ari vyinshi ku buryo uwumufasha kuburana atobishobora ari wenyene, ari amananiza hamwe n’ugushaka gutevya urubanza.

JPEG - 279 ko
Anne Rwigara (umuvukanyi wa Diane Rwigara) yazanwe muri Sentare acunzwe n’abaporisikazi babiri

Mukangemanyi yavuze ko idosiye arimwo ivyo yagirizwa ari nini, ko yokwunganirwa n’umushingwamanza wundi Gatera Gashabana, uwo nawe bigasabwa ko umwanya wo kwiga dosiye, agasaba ko yongerwa n’amafaranga yo kuriha uwo mushingwamanza wundi, uko amafaranga yose umuryango wa RWIGARA wari ufise yafashwe n’igiporisi.

JPEG - 217.8 ko
Adeline Mukangemanyi, umuvyeyi wa Diane Rwigara

Inyuma y’umwiherero wamaze iminota 30, abacamanza bafashe ingingo ko urwo rubanza rwungururizwa ku ncuro ya gatatu, rukazosubira kuburanishwa kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 13 Gitugutu 2017, ni ukuvuga mu minsi itatu.

JPEG - 306.1 ko
Abari baje kwumvirizwa urwo rubanza babanza gusakwa imbere y’ukwinjira

Egide NDUWIMANA

Messages

  • uyo diana bakorana na kagame .Ariko amugirira publicity kogira aza musimbure apres 17ans.Reba numukobwa akaba akirimuto kandi ari muri FPR

  • @Eric,reka reka ntukitiranye ibintu,Nyakubahwa Kagame ntakorana n’abana hama kandi uyo mukobwa nta n’ indero gafise ako kagugu ngo Diane Rwigara,warabonye ingene kubahutse Police y’u Rwanda?isanzwe yubahwa n’Africa n’isi yose,kahenzwe na opposition y’Abanyarwanda baba hanze,agume hamwe rero apfungwe,uwurwishigishiye ararusoma

  • @Hafsa
    Kagame yarakugose. Yagutwaye ubwenge bwose none umutwe wawe usigaye ari ikigopo (boîte vide métallique)!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.