Accueil > Amakuru > Poritike > "Uruhara rw’abanyagihugu mu guteramira umutekano ni gutanga inkuru" - Hon. (...)
"Uruhara rw’abanyagihugu mu guteramira umutekano ni gutanga inkuru" - Hon. RWASA
vendredi 1er Nyakanga 2017
Aterera ivyiyumviro kuwa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, mu gihe umushikiranganji w’ubutungane n’uw’agateka ka zina muntu bari abatumire mu nama nshingamateka, Agathon RWASA icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yavuze ko mu gihugu hagati hari abiha ububasha bwo guhana abandi kandi batabifitiye uburenganzira.
Umushingamateka Agathon RWASA avuga ko igiteye impungenge, ari uko hari abiha ubwo bubasha bwo guhana abandi kandi abajejwe intwaro babibona ntihagire ico bavuga canke bakore.
Ku bijanye n’ivyegereanyo bikorwa ku Burundi, mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu n’ubutungane, umushingamateka RWASA Agathon avuga ko kugira haboneke ibija mu vyegeranyo, abajejwe intwaro nabo babifisemwo uruhara.
- Hon. Agathon RWASA,Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka
Umushingamateka Agathon RWASA avunira akagohe abari mu nzego z’igihugu ko gusamara kwabo gutuma abandika ivyegeranyo ku Burundi baronka ico bafatirako.
Umushingamateka Agathon RWASA asaba ko hojaho umurwi w’abashingamateka wishikira ku rubuga, kugira bagabanye urwikekwe.
MUGISHA Van Naris