Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani Amizero y’Abarundi rwashikanye ibirego muri sentare ijejwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani Amizero y’Abarundi rwashikanye ibirego muri sentare ijejwe (...)

Urunani Amizero y’Abarundi rwashikanye ibirego muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro

jeudi 24 mai 2018

Umushingamateka Pierre-Célestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, aherekejwe n’abandi bashingamateka batowe muri urwo runani, nibo bajanye ivyo birego, inyuma y’umutaga wo kur’uno wa kane igenekerezo rya 24 Rusama 2018.

Ahejeje gutanga ibirego, Umushingamateka Pierre-Célestin NDIKUMANA yamenyesheje ko yisunze ko ibirego batanze bifise ishingiro, ku bijanye n’ibitagenze neza mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, yizeye ko bazotunganirizwa.

Ico gikorwa, gikurikiye amatangazo abiri yashikirijwe rimwe n’umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, umushingamateka Agathon RWASA, hamwe n’irindi ryashikirijwe n’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bamenyesha ko amatora yabayemwo utunenge dukomeye.

Mw’itangazo yashikirije, umukuru w’ Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, umushingamateka Agathon RWASA, yamenyesheje ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rutazokwemera ibiharuro b’ishobora gushikirizwa ko vyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Urwo Runani rwasavye umurwi CENI gukora ataho uhengamiye, ugire kandi impfagusa ibiharuro vyavuye mu matora, mu gutunganya bushasha amatora yisunze itegeko rigenga amatora mu Burundi.

Kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018, umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, wamenyesheje ko ibiharuro mfatakibanza vyerekana ko Ego yatsinze ku majwi 73,26 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,34 kw’ijana


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Abitura Ubutungane Ntakabi Kabo Ico Nsaba Nuko Bobatunganiriza Ataho Bahengamiye Ariko Umengo Basaba Amananiza Biragoyeko Amatora Asubigwamwo Kuko Atwara Uburyo Bwishi

  • Jewe Nibazako Ugorunani Amizero Yabarundi Bokwemera Ivyavuyn Mumatora Kubera Ntamatora Azosubigwamwo Vyaraheze

  • Ni bagerageze je ndabahebuje ko atakizovamwo

  • Ayo,mahera,reta,yosubirishamwo,amatora,nibayahe,impfuvyi,abapfakazi,nabantahonikora,nabo,birukanye,mubisagara,bahora,basegerereza.!

  • Abo nibamwe batuma igihugu kidaterimbere ariko ugo runani gonyene nigo gwabonye utwo tunenge ? Amatora ntiyosubigwamwo ico kirazira kikaziririzwa ahubwo oya yaratsinzwe nibabe biga kwemera ibivuy mumatora ivyo vyerekana ko na 2020 batazovyemera

  • uko nukwidigadiga nayo ivyokuyasubiramwo vyo ntibirimwo nibareke guteshumwanya

  • Amatora Ategerezwa Gusubirwamwo Kuko Ubuma Bwarahabaye Bwinshi Ataruko Ivyayavuyemwo Ntituzopfa Tuvyemeye

  • REKA AMIZERO ABE ARATERINKURU MUKWINDWI AMATORA ARASUBIGWAMWO KANDI EGO IZOTSINDA 55% NONE AMIZERO AZOBA YUNGUTSE IKI ? EREGA NUMUKOBWA UMUBAJIJE KWAGUKUNDA YISHURA EGO IJAMBO EGO RIVUGWA KESHI BAMURATERUMUPIRA

  • Igikuru abarundi tutaramenya nagaciro ki gihugu cacu nabanyagihugu baco ivyo tubimenye nta muntu yosubira kuziza uwundi ivyiyumviro vyiwe kuko igihugu uvuka ugisangaho ugasiga kiraho guhindura amategeko kunyugu z Abantu Kanaka atariz abanyagihugu nigihugu sentare nibiteshe agachiro ntaco bimaze mugihe biboneka ko ari inyungu z Umuntu canke z Abantu

  • Jew nibaza ko rwasa yavumwe nabavyeyi cank ariko yerekana ko.amahera yahawe n.abazungu yogutoba ko ariko arayaca.nagira nsabe leta imushinge kw.ijisho kuki uravye ukuntu yibabura biraboneka ko na rugereka bacomunikana mubisanzw muburundi hishwe nikuza barafata ibintu minenerwe muramufata n.umusi numwe mumugigize inkoni nka kadege murabe ko igihugu kitatekana.

  • Jew Mbona AmiZERO YOKWEMRA IVYAVUY MU MATORA

  • Agato arashaje, kushika ubu ntazi ingene Leta yuburundi ikora. Natenyenye agume yironkera agashahara, areke kuguma yicisha abo yita abayoboke.Ntabahende arabizi ko adasubiye mwishamba atazopfa ayoboye igihugu

  • burya jw ndasavy abamenyeshamakuru bo bitanz batiziganya gukorera hamw abandi bashwae igihugu ko bohebuza ugo runani.irya differenc ntubna ko irnz iyo bari kurnka na 4o%

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.