Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani Amizero y’Abarundi ruhamagarira abarundi kutemeza ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani Amizero y’Abarundi ruhamagarira abarundi kutemeza ibwirizwa (...)

Urunani Amizero y’Abarundi ruhamagarira abarundi kutemeza ibwirizwa nshingiro rikumira

mercredi 2 mai 2018

Igikorwa co kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, catangujwe n’urugendo rurerure rw’abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwatanguriye ku bwinjiriro bw’igisagara ca Ngozi, bakaba bagenda bararirimba indirimbo zihamagarira, abarundi gutora OYA, bitwaje n’ivyandiko vyanditseko ngo ‘’TORA OYA ‘’

Mu ntara ya Ngozi, umukuru w’Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi, akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, umushingamateka RWASA Agathon, niwe yari yateye iteka ivyo birori, ari kumwe n’abashingamateka hamwe n’abandi banyeporitike bahurikiye muri urwo runani nka Yves SAHINGUVU yabaye icegera c’umukuru w’igihugu, Evariste NGAYIMPENDA n’abandi.

Mw’ijambo ryiwe, umushingamateka RWASA Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi yavuze ko iryo bwirizwa nshingiro ririmwo utunenge twinshi, dushingiye kuko abari mu mugambwe uri ku butegetsi bararyigunganije ntibarishira ahabona imbere y’igihe, kuko nawe yarironse hasigaye iminsi itatu ngo imyiyamamazo itangure.

Umushigamateka RWASA Agathon yavuze ibwirizwa shingiro rishasha rikumira, kandi yasanze riteye kubiri n’amasezerano y’I Arusha, rikundwakaza bamwe rigakumira abandi, rero ko ari iryo kwiyamiriza, kuko iryahahora atakanenge rifise.

Umushingamateka RWASA Agathon yahamagariye abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, kugenda kubibwira abandi bose, kugira iryo bwirizwa nshingiro ntiryemezwe, aca abasaba kandi kwirinda abobasotora.

Isekeza ryo kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ryatanguye kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 1 Rusama, rizorangira kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.