Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani CAPES+ ruvuga ko abahunze Uburundi atari ikibazo kw’ihinyanyurwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani CAPES+ ruvuga ko abahunze Uburundi atari ikibazo kw’ihinyanyurwa (...)

Urunani CAPES+ ruvuga ko abahunze Uburundi atari ikibazo kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro

mercredi 13 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe ico gikorwa c’ugusigura ibizohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi kibaye hari abanyeporitike hamwe n’abandi barundi bakiri mu buhungiro, mu kiganiro CAPES+ na PISC Burundi yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Hamza Venant BURIKUKIYE arongoye CAPES+ yamenyesheje ko ata na rimwe kw’isi nzima abarongoye igihugu babanza kurindira ko abanyagihugu bose baba bari mu gihugu kugira bagire ico bakoze.

"Maze kubona amabwirizwa shingiro menshi yahindutse. Murazi y’uko amasezerano y’i Arusha yateweko umukono mu 2000 hari Abarundi benshi bari hanze? Ariko ntivyabujije ko ayo masezerano ashirwa mu ngiro. Murazi ko amatora yo mu 2005 yabaye tugifise Abarundi b’impunzi ku bwinshi? Nta na rimwe kw’isi nzima uzovuga ngo nzokora iki abanyagihugu bose bari ngaha.

JPEG - 85.2 ko
Hamza Venant BURIKUKIYE arongoye CAPES+

Urunani CAPES+ ruhurikiyemwo amashirahamwe y’abagendana umugera wa SIDA. Abamenyeshamakuru bari bitavye ico kiganiro bashatse kumenya namba atawohava yibaza ko urwo runani rwataye intumbero mu kuja muvya poritike, bibagiye ibibazo vy’abagendana umugera wa SIDA. Hamza Venant BURIKUKIYE aho yatanze umuco :

"Twebwe turi urunani rw’abagendana umugera wa SIDA. Mbega muri mwebwe mwicaye ngaha ni nde bapimye ko atarwaye umugera wa SIDA? Barya bategetsi bose bari mu migambwe ni nde azi ko batarwaye umugera wa SIDA."

Uwo arongoye CAPES+ avuga ko kuba afise umugera wa SIDA bitamwaka uburenganzira bw’ugukurikirana ivy’igihugu hamwe n’ugutanga ivyiyumviro ku biba biriko birakorwa mu gihugu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.