Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Urushengero rwa Pantekoti muri Komine Nyanza-Lac rwugawe
Urushengero rwa Pantekoti muri Komine Nyanza-Lac rwugawe
lundi 10 Mukakaro 2017, par
Iyo ngingo yafashwe mu gihe haheruka kwibonekeza akajagari katewe n’ukumvikana hagati y’abahasengera, ivyo bigashobora guhungabanya umutekano. Intango ya vyose ni abakirisitu bagiriza ababarongoye ko batubahiriza amategeko y’urushengero, kandi ko banyonyeza amatunga y’abo bajejwe.
Nk’uko bivugwa na bamwe mu basengera muri urwo rushengero, ako kajagari kibonekeje inyuma y’aho abakuru b’urwo rusengero rwa Pantekoti rwo muri komine Nyanza-Lac bahezagiye ubugeni bw’abantu babiri, umugabo n’umugore bompi basanzwe bafise abo bari bubakanye. Abo bakirisitu bavuga ko bakiriye nabi ivyo vyabaye, aho bavuga ko amategeko agenga ishengero rya Pentekoti atariko arubahirizwa n’ababatwara.
Abasengera aho bakavuga kandi ko abakuru babo basesaguye bakongera bakanyuruza amafaranga y’ubutunzi rusangi rw’urwo rusengero.
Jean Claude NDUWIMANA, Musitanteri wa komine Nyanza-Lac avuga ko urwo rusengero ruzosubira kwugururwa ku ngingo ya Buramatari w’intara ya Makamba asanzwe yaramaze gushikirizwa ico kibazo.
Egide NDUWIMANA
Messages
10 Mukakaro 2017, 15:25, par Emmanuel ntirandekura
Ivyo bintu nivyo kuko amategeko yarahonyanzwe kuretse ko nimana itemera ko usengero ruba ikibanza ca business cnke se ko rukorerwamwo amanyanga mwenayo.
10 Mukakaro 2017, 15:26, par Emmanuel ntirandekura
Ivyo bintu nivyo kuko amategeko yarahonyanzwe kuretse ko nimana itemera ko usengero ruba ikibanza ca business cnke se ko rukorerwamwo amanyanga mwenayo.
10 Mukakaro 2017, 22:20, par Nahayo Alexandr
N akamaramaza kubona ico twokwita ikimuri ca misi yose gifumba umwotsi !
23 Myandagaro 2017, 23:00, par ndiwamungu jos
ndiwamungu jos
23 Myandagaro 2017, 23:28, par mfatukobiri vendeur
wasikilize mashaliti ya selikali atakayopinga apelekwe mahakamani