Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abakinyi 10 batunze kwisi mu mwaka wa 2017 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde rw’abakinyi 10 batunze kwisi mu mwaka wa 2017

Urutonde rw’abakinyi 10 batunze kwisi mu mwaka wa 2017

mercredi 29 novembre 2017

Umukinyi aza mu kibanza ca mbere ni Christiano Ronaldo ava mu gihugu ca Portugal akaba asanzwe ari umusatirizi w’umurwi wa Réal Madrid.

Mu gihe Christiano Ronaldo yatwaye igikombe ca Buraya muri 2016 akanatwara igikombe gihiganirwa imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya (league des champions) n’umugwi wiwe wa Réal Madrid akaba aheruka kandi gutahukana umupira w’inzahabu wiwe ugira gatanu, umushahara wiwe ungana imiriyoni 24,4 z’ama dorari k’umwaka akaba akora n’ibikorwa vyo kumenyekanisha amazu y’ubudandaji menshi.Ubutunzi bw’iwe bukaba bugera ku miriyoni 321,5 z’ama dorari.

Kur’urwo rutonde, Christiano Ronaldo akurikirwa na mukeba wiwe Lionel Messi ava mu gihugu ca Argentine akinira umurwi wa Fc Barcelone mu gihugu ca Espagne.

Kuva aho yongerereje amasezerano n’umugwi wiwe wa Barcelona, Lionel Messi ahembwa imiriyoni 33,4 z’ama dorare ariko akaba afise amasezerano make n’amazu agirira ihayanisha.Lionel Messi afise ubutunzi bungana n’imiriyoni 295 z’ama dorari.

Mu kibanza ca gatatu, haza umusatirizi rurangiranwa akomoka mu gihugu ca Suède Zlatan Ibrahimovic akaba akinira umurwi wa Manchester United afise ubutunzi bw’imiriyoni 141 zama dorari.

Abo bakinyi basumbanya uku gukurikira mu mamiriyoni y’ama dorare :

Cristiano Ronaldo (Real Madrid) : 321,5
Lionel Messi (FC Barcelone) : 295
Zlatan Ibrahimovic (Manchester United) : 141
Wayne Rooney (Everton) : 120
Eden Hazard (Chelsea FC) : 100
Gareth Bale (Real Madrid) : 72
Neymar (Paris Saint-Germain) : 63
Yaya Touré (Manchester City) : 55
Sergio Agüero (Manchester City) : 51
John Terry (Aston Villa) : 50

kur’urwo rutonde,umukinyi Neymar Junior niwe wenyene akina mw’ihiganwa rya Ligue 1 ryo mu Bufaransa, abandi bose bagakina mu mahiganwa yo mubihugu vy’Ubwongereza na Espagne.


Pacifique BUKURU

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.