Accueil > Amakuru > Rwanda > Urwanda rwasiguye aho ukwimurira impunzi z’Abarundi mu bindi bihugu (...)
Urwanda rwasiguye aho ukwimurira impunzi z’Abarundi mu bindi bihugu bigeze
vendredi 23 Nyakanga 2016, par
Ubushikiranganji bujejwe impunzi mu Rwanda (MIDIMAR), bwamenyesheje ko gushika ubu ibihugu Urwanda rwasavye kwakira impunzi z’Abarundi ziri muri Rwanda ata na kimwe kiremera canke gihakane ivyo casabwe, n’aho bigaragara ko intambamyi z’ukwakira impunzi ari nyinshi ku mugabane wa Buraya.
Mu kwezi kwa Mukakaro uwu mwaka, niho umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda, Louise Mushikiwabo, yatangaza ko Urwanda rwipfuza ko impunzi z’Abarundi ziri muri ico gihugu zojanwa mu bindi bihugu, kugira bigabanye amanyanga ya poritike aba mu bibazo vy’impunzi.
Umushikiranganji ajejwe impunzi, Seraphine Mukantabana, yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko ibiganiro n’ibihugu birimwo ivya kure bibandanya, ariko bitarafata intumbero, bitewe n’ibibazo vy’impunzi nyinshi ibihugu vy’i Buraya bibandanya kwakira.
Yagize ati “Tuvugana n’Abambasaderi bose duhuye n’uyu munsi hari abo twari kumwe ariko ubona ko abenshi bavuga ngo turafasha izimaze igihe kinini mu Rwanda, bakavuga ko byivanze n’ibibazo by’impunzi nyinshi zabonetse ku butaka bw’u Burayi n’ibibazo bigenda bivuka hirya no hino ku buryo ubona ntibahakana ntibemera, mbese ntiwavuga ngo bifite umurongo uyu n’uyu.”
- Umushikiranganji ajejwe impunzi, Seraphine Mukantabana
Ibihugu vy’i Buraya bibandanya kwakira impunzi nyinshi zihunga intambara zikomeza kwibonekeza muri bimwe mu bice vyo mu buseruko bw’Isi, nko muri Syria, Iraq, ndetse n’Abanyafrika babandanya guhungira i Buraya. Izo mpunzi zibandanya kwiyongera zigashobora gutuma Abarundi bataronka ubuhungiro ku mugabane wa Buraya.
Umushikiranganji Mukantabana yemeje ko ahanini Urwanda ruriko ruganira n’ibihugu vy’i Buraya, kuko ibibazo bitari ivy’ubuhungiro, ahubwo vyivanzemwo poritike nyinshi ishobora gutandukira n’ibihugu vyo mu karere vyari kwakira izo mpunzi.
Yagize ati : “Cyane cyane tuganira n’ibihugu by’i Burayi kubera ko impamvu yatuma u Rwanda rwifuza ko abantu bigira hirya y’imipaka yarwo, wenda n’ibindi bihugu bishobora kuba bizifite kuko ntabwo twabwira Tanzania kuko nabo baba begereye u Burundi, ngira ngo ibibazo twagira n’impamvu zituma twifuza ko bajya kure y’u Burundi na Tanzania yabigira.”
Gushika ubu mu Rwanda haharurwa impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 85. Umushikiranganji Mukantabana abandanya avuga ko nihabandanya kubura ibihugu vyakira impunzi z’Abarundi, bizoba ngombwa ko basubira kwicarana n’inzego zitandukanye, bakabija inama.
Impunzi z’Abarundi zatanguye kwinjira mu gihugu c’Urwanda ku bwinshi mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, inyuma y’aho umugambwe CNDD FDD umenyeshereje ko utanze Petero NKURUNZIZA kugira aserukire uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yari yimirije.
IGIHE
Messages
23 Nyakanga 2016, 10:47, par Epitace Dusabe
Ndashimira urwanda ukuntu rutwitaho , kandi bagira numwete wogufata neza abo bakiriye, kandi ntakindi gihugu tubona kumugabane wa afrika tubona ushobora gukingira umutekano wimpunzi
23 Nyakanga 2016, 11:34, par Emmanuel Misago
none ni kubera iki babaronderera guhungira mu bindi bihugu ha kugaruka mu gihugu cabo kuko kirimwo amahoro. none twebwe ko turi mugihugu tukabona tuhabaye atangorane dufise. canke kagame arifise iyindi mikenyuro yinyegeje tutazi. emwe biragoye pe!
23 Nyakanga 2016, 11:36, par nkotanyi
arabeshya. bazarya impungure kugeza bamenetse imidigi abo ba mujeri
23 Nyakanga 2016, 12:09, par Tous pareils
@Epitace Dusabe
N’uguca mwigumira aho nyene! Nanje aho ninyegeje ndahamaze imyaka 40 nibundiye aho! Niba Kagame abafashe neza mugira Imana y’i Rwanda! Kuko hari abandi bamwumvise bamera amahere!
23 Nyakanga 2016, 12:09, par Tous pareils
@Epitace Dusabe
N’uguca mwigumira aho nyene! Nanje aho ninyegeje ndahamaze imyaka 40 nibundiye aho! Niba Kagame abafashe neza mugira Imana y’i Rwanda! Kuko hari abandi bamwumvise bamera amahere!
23 Nyakanga 2016, 12:16, par nzeyi
Nihahangame igihugu c’URWANDA n’Abwatwara Urwanda kumutima wimbabazi nikigomgwe mu fise kumpunzi z’ABARUNDI babahungiyeko;ukwihangana kw’abanya RWANDA,Imana ize ibahe imigisha.Nimukomeze gushakisha mubihugu vyakure niho impunzi zobona umutekano kandi namwe mworuhuka kuguma mubacungiye umutekano;kugutinya ko bohava bamererwa nabi kandi barabahungiyeko.
Imana ibandanye ibakomereze uyo mutima wa kivyeyi mufise.Amen !!!!!!!!!!!!!
23 Nyakanga 2016, 12:16, par nzeyi
Nihahangame igihugu c’URWANDA n’Abwatwara Urwanda kumutima wimbabazi nikigomgwe mu fise kumpunzi z’ABARUNDI babahungiyeko;ukwihangana kw’abanya RWANDA,Imana ize ibahe imigisha.Nimukomeze gushakisha mubihugu vyakure niho impunzi zobona umutekano kandi namwe mworuhuka kuguma mubacungiye umutekano;kugutinya ko bohava bamererwa nabi kandi barabahungiyeko.
Imana ibandanye ibakomereze uyo mutima wa kivyeyi mufise.Amen !!!!!!!!!!!!!
23 Nyakanga 2016, 12:28, par ndagushinye
tuzoca twigira muri Etat unis tureke abo batagira imitwe yo kuba muri america. atagapfuye ntagakira
23 Nyakanga 2016, 13:28, par Amissi
Ndashimiye gose leta y’u Rwanda mubageragereze basha babatware,Nkurumbi yoca noneho yiyahura
23 Nyakanga 2016, 13:45, par Mwarisemye
Ahubwo Kagome Niyongere Azane Yama Kamyo Ya Hcr Apakire Abandi Ko Yabaronkeye Ikibanza Muri Amerika,mweho Muratamboye Nakare Mwamenyereye Kurya Mwicaye!Nico Gituma Mwateje Imigumuko Ngo Mukeneye Ubutegetsi Mucishije Mumigumuko No Muguturira Abantu Nimiduga Namazu Yabegihugu! Basha Nimugende Ariko Ndazi Muzohinda Mugaruka.Kagome Yamoye Abahutu Burwanda None Ngo Ariko Ashakisha Aho Abajana!Genda Mwarirukanye Amahoro Mutangura Kuyaha Ibiringo Muba Mwakije Umuriro Hama Ubazimirako,araba Abajanye Nyene Ntikube Akubahenda Ngumuzoze Gusigamabwena Muntambara Mudashoboye Munyuma.UBURUNDI BURI NINDOGOZI ZIBUSHITSE.
23 Nyakanga 2016, 14:03, par Mwarisemye
Igihe Baza Babanje Guturira Abantu Nivya!Baca Kurondera Ibitabu Vyinzira ,mwabategereza Amakamyo ,ngaho Rero Muhita Mubigisha Ivyagisisikare!Mubarungika Gutera Amakambi Barananirwa, None Se Ninde Yabirukanye?Twebwe Muguhunga Twarara Mumyonga,bashire Muri Yamakamyo Mubagarure Ntaco Bahunze.
23 Nyakanga 2016, 16:09, par eric
Kubajana hanze y’igihugu cabibarutse siwo muti, ahubwo ni ukuja inama n’ingingo kugira amahoro aze muri bino bihugu Bidacana uwaka !
23 Nyakanga 2016, 19:24, par Kayogoro
Menyako Ahobazoja Hose Bazoguma Arabarundi, Kandi Urupfu Ntiruhungwa
23 Nyakanga 2016, 19:43, par Eric
Nn ugwanda Kukiru Tabarungika Ahandi Canke Batahekuko Natwetubayo Turinumubiri Kandituva Amaraso
23 Nyakanga 2016, 19:56, par Hakizimana
None Kovuga Ko Impunzi Zomugwanda Zonyene Ko Arizozojamubibihu . Abahungiye . Itanzania Bontimwobajana . Kobahunze Bimwe . Nabandi Baracahunga .
24 Nyakanga 2016, 00:11, par Kagabo
njewe niyumvira ko ingorane bariko barzimurira ahandi, none ni kuki ingorane ziri gusa kumpumzi ziri mu Rwanda gusa kandi ari nazo nkeya ugereranyije niziri muri tanzaniya?? Ahubwo natange iyindi nsiguro kuko ubu tuvugana muri Tanzaniya hari impunzi z,abarundi zishika kuri 200.000, kandi ntizirikure gose y’umupaka, ariko ntangorane ziri hagati ya tanzaniya n’uburundi. kuko Tanzaniya ikora ivyo amategeko ajana n’impunzi yose abasaba. ubwo rero ministre niyisigure gake kuko ivyo avuga vyose ari uguta umwanya.
24 Nyakanga 2016, 04:44, par nduway
Nibagende iburaya izontarima bazrkurya bicaye nakare baribatunzwe ni mfanyo zava iburaya. Ubona bogenda tukagukirwa, nakare ntaco baribamariye igihugu. Barya ivyobatarimye.
24 Nyakanga 2016, 10:27, par turaje
@kagabo ntabwo minister yisiguye kuri mwebwe kuko ntanuwukeneye kubisigurako
kandi Tanzania uvuga nabo bafite gouvernement yabo gufasha impunzi zabarundi ziri mu Rwanda numwanzuro cg igitekerezo cyu Rwanda ubwacyo kugirango basabire impunzi kujyanwa mubindi bihugu byiburayi
na Tanzania izakora ibyoyo
kandi minister mukantabana ntiyisigura kuri gouvernement yuburundi .
24 Nyakanga 2016, 20:20, par nzeyimana donatien
barundi bene wacu nimwihangane imana irababona kuk urucir mukaso rugahitana nyoko
25 Nyakanga 2016, 02:59, par Ajim
Barundi Benewacu Muri Hanze Turabasavye Dushimitse Ubu Turi Bamwe Nimuze Mugihugu Cabibarutse Amahoro Yarabonets Mugihu Cacu Turabasavye Dushimitse Komwotahuka Ntanzu Iriko Irasha
25 Nyakanga 2016, 10:36, par MISAGO MICHERI
JEWENDATANGARA TUDAHENDANYE NBAJIJE MUNTABANO MUBURUNDI JEWENUBUNIHO MUKAYANZA NBERE KOMINEKABARORE IYONTANBABUHUNZE IRIHE NONKURUNZIZA NIRIWEBAHUNZE NGOBAZOZA ATAKITWARA UMUHERO WARABA SHIKIYE NONE INYAKA 1OO NIBATAHE BATAJENAHO BAYI?
25 Nyakanga 2016, 10:38, par MISAGO MICHERI
JEWENDATANGARA TUDAHENDANYE NBAJIJE MUNTABANO MUBURUNDI JEWENUBUNIHO MUKAYANZA NBERE KOMINEKABARORE IYONTANBABUHUNZE IRIHE NONKURUNZIZA NIRIWEBAHUNZE NGOBAZOZA ATAKITWARA UMUHERO WARABA SHIKIYE NONE INYAKA 1OO NIBATAHE BATAJENAHO BAYI?
25 Nyakanga 2016, 10:39, par MISAGO MICHERI
JEWENDATANGARA TUDAHENDANYE NBAJIJE MUNTABANO MUBURUNDI JEWENUBUNIHO MUKAYANZA NBERE KOMINEKABARORE IYONTANBABUHUNZE IRIHE NONKURUNZIZA NIRIWEBAHUNZE NGOBAZOZA ATAKITWARA UMUHERO WARABA SHIKIYE NONE INYAKA 1OO NIBATAHE BATAJENAHO BAYI?
25 Nyakanga 2016, 18:07, par kazungu fabien
Rwanda komera ufashe impunzi zacu kandi uzishakira umutekano .Ariko tweho ino mugutora ibifungurwa duhabwa HCR KLIMOGENE ziraturembeje uwuserukira impunzi muri kigoma nta bwoba agira mugihe tuguma turaswa batwimye ibifungurwa Duhabwa na hcr ese kwatwima ibifungurwa biva i’we
26 Nyakanga 2016, 17:10, par Ricci
I am a 43 years old Burundian. Born in ex-Zaire. I am a father of two kids who have never set foot in Burundi! It is really painful.
I hope the leaders,both in Rwanda and Burundi can come back to their senses and do the right thing. Remember that the majority of those in power in those two countries were born or grew up in foreign countries... A bon entendeur, salut!
26 Nyakanga 2016, 20:14, par Audace
natwe turarushe kandi natwe ntituri tayari gusubira mugihugu kubera turacafise ubwoba bwinshi bw’umutekano muke m’Uburundi
29 Nyakanga 2016, 14:24, par NIBIGIRA DESIRE
home is always better! ncuti zatwese abana b’uburundi mugaruke twubake igihugu.hama abandika namwe mwirindi imvugo mbi kuko IMANA YASHATSA KO MWESE MUBA IVYAREMWE RYAYO KURIY’ISI.
4 Munyonyo 2016, 06:35, par claude
nukuri uwomutima mwiza awugwanda nuramb nahotwetwahungiy muri tanzania baguma badutera climogen tweho ntahodutandukaniy nabari kwa nkurumbi mabuye(piere) nimubajane kuko udyamugabo mukuru wigihugu niho nohanyuma yobona ibiganiro icarico .abonabo bavuga ngo nintarima nimurekane nizombonerakur mukor icore ivyiza kwizompunzi. tweho inomuri tanzania ntanumugambi badufitiy atari ukutwica amen mana koranana nabobagiraneza bi rwanda murokor ubwoko bwaw amen
30 Munyonyo 2016, 20:16, par Nema
no murikongo mwarahakana na m 23