IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwanda rwashikirije Uburundi umuporisi yafatiwe ku butaka bw’ico (...)

Urwanda rwashikirije Uburundi umuporisi yafatiwe ku butaka bw’ico gihugu

lundi 16 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

JPEG - 93.8 ko
Umuporisi w’umurundi Theogene IRAKOZE yari yafatiwe mu gihugu c’Urwanda kuri uwu wa gatanu

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ko bakiriye uwo muporisi, Petero NKURIKIYE avugira igiporisi akemenya ariko uwo muporisi Theogene IRAKOZE afise ibimenyetso vyerekana ko yasinzikarijwe ubuzima (Des signes de torture).

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko uwo muporisi w’Uburundi yakorera ku kirindiro c’i Mabayi, mu ntara ya Cibitoke, yahagaritswe n’igiporisi c’Urwanda ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, yahagaritswe nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 45 n’abajejwe umutekano b’Urwanda.

Mu giporisi bavuga ko APC IRAKOZE Theogene yahagaritswe, mu gihe yajabutse urubibe akinjira mu gihugu c’Urwanda adakurikije amategeko, mu giporisi bakavuga ko uwo muporisi yari yaborewe.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.