Accueil > Amakuru > Poritike > Urwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU rusaba ko umugambwe ukurwa mu runani (...)
Urwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU rusaba ko umugambwe ukurwa mu runani CNARED
mardi 7 Ruhuhuma 2017
Urwaruka ruharanira intwaro rusangi mu mugambwe SAHWANYA-FRODEBU urongowe na Frederic BAMVUGINYUMVIRA rusaba umukuru w’umugambwe gufata ingingo yo gukura umugambwe SAHWANYA-FRODEBU mu runani CNARED-Giriteka.
Mw’ikete ryanditswe n’abaserukira abandi mw’ihuriro ry’urwaruka ruharanira intwaro rusangi mu magambwe Sahwanya-FRODEBU CJD kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2017,urwo rwaruka rumenyesha ko babisavye kuko mu myaka ibiri iheze urunani CNARED rushinzwe,umugambwe FRODEBU n’indongozi zawo bagumye bafatwa nk’imperekeza.
Muri iryo kete,urwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU ruhurikiye mw’ihuriro CJD rumenyesha ko bamwe mu bagize urunani CNARED-GIRITEKA bagumye berekana akagaye imbere y’umugambwe Sahwanya-FRODEBU hamwe n’indongzi zawo.
Urwo rwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU urongowe na Frederic BAMVUGINYUMVIRA ,rumenyesha ko rushigikiye umukuru w’umugambwe
mu nzira yose arimwo, haba kwitaba ibiganiro vyose bitunganijwe n’umuhuza Benjamin MKAPA.
Mwomenya ko umugambwe Sahwanya-FRODEBU wamaze kwemeza ko uzokwitaba ibiganiro bitegekanijwe kubera I Arusha muri Tanzaniya kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.
IGIHE
Messages
7 Ruhuhuma 2017, 13:01, par Jerome
Nivyo, Twese Tubiravye Cenarde Ntakamaro Ifitiye Uburundi Nabarundi. Jewe Ndabona Ababishoboye Bova Murugwo Runani.
7 Ruhuhuma 2017, 13:37, par Nkurumbi
Urwo rwaruka rurihe?rubahe?inama ruzigirira he?mu ntara iyihe?mu burundi?nimba ruri mu buhungiro ndavyumva ataruko naho nimitwe yabanyepolitike.
7 Ruhuhuma 2017, 19:10, par ngenzirabona
mbeizombunuzazibazangougwo gwaruka rurihe . uburundinubwatwese kandi ,namwe ,ntimujemuri ,agakura nuzibonerako nihagera .
8 Ruhuhuma 2017, 11:45, par Regina
SINAHEDI(cnarec). Yaritabye Imana kera. Imihango yo kuyishingura izoba kuri ici cyumweru muri Eglise Sint Remi i Bruxelles.
8 Ruhuhuma 2017, 14:45, par habanabakize
nkaminani ieyambunuza jewe kontayizi twiganye atajambo afitiye igihugu yogerahehe gwatwara senarede