IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ARCT yafashe ingingo yo kwugara imirongo ya BBC na radiyo Ijwi rya (...)

ARCT yafashe ingingo yo kwugara imirongo ya BBC na radiyo Ijwi rya Amerika

vendredi 4 mai 2018

Nkuko biri muri ayo makete abiri yateweko umukono n’umuyobozi mukuru w’ikigo ARCT, ayo makete yandikiwe abayobozi ba BBC n’iradiyo Ijwi rya Amerika yanditswe hisunzwe ingingo y’urwego rucunga uko ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC, ihagarika ayo maradiyo gukorera ku butaka bw’Uburundi, mu kiringo c’amezi atandatu.

Muri ayo makete yose atanga ubutumwa bumwe haba kuri BBC igisata gikoresha ururimi rw’igifaransa, canke iradiyo Ijwi rya Amerika, urwego ARCT rumenyesha ko umurongo ya 90,2 na 105.6 ya BBC n’imirongo ya 95,2 na 94,9 y’iradiyo ijwi rya Amerika, izoba yugawe kuva kuwa mbere igenekerezo rya 7 Rusama 2018.

Ibiri muri ayo makete, vyamenyeshejwe umuyobozi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vy’abanyagihugu, hamwe n’umukuru w’urwego CNC.

Ayo makete asohotse, inyuma y’amasaha make, urwego rw’igihugu rugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC, rusohoye itangazo aho rwamenyesha ko amaradiyo BBC na Radiyo ijwi rya Amerika, ahagaritswe kwumvikana ku butaka bw’Uburundi, mu kiringo c’amezi atandatu, kuva kw’igenekerezo rya 7 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.