Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Urwego CNC ruriyamiriza ivyashikiye abamenyeshamakuru 3 b’iradiyo y’imico (...)
Urwego CNC ruriyamiriza ivyashikiye abamenyeshamakuru 3 b’iradiyo y’imico kama
Tuesday 28 August 2018, by
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ,umukuru w’urwego CNC Nestor BANKUMUKUNZI yamenyesheje ko abo bamenyeshamakuru 3 babujijwe gukora akazi kabo n’igiporisi,barenganijwe kuko batashoboye gukora igikorwa cari kibazindukanye.
Nestor BANKUMUKUNZI avuga ko abaporisi bashatse kubafata nkabariko barahabura ukutumvikana hagati y’imiryango 2 yariko ipfa itongo ntibemererwa gukora akazi kandi barerekanye ibibaranga.
Uyo arongoye urwego CNC avuga ko naho umuvugizi w’igiporisi yemeza ko abo bamenyeshamakuru batafashwe nabi kubwabo ico bazi aruko batashoboye gukora akazi kari kabajanye.
Nestor BANKUMUKUNZI asaba ko iyo myifato itosubira,akongera agatera akamo ugukorera hamwe kwiza hagati y’abamenyeshamakuru n’izindi nzego mu gihugu ku neza y’abanyagihugu.
IGIHE
Forum posts
29 August 2018, 09:55, by Busurahende
None C.N.C.ntiyofatira ibihano abo babuza abantu kwikorera amabanga bashinzwe. Izi gusa gufatatira ibihano ibimenyeshamakuru gushika n’aho bimwe vyankiwe ko ata bantu bogira ico bashikirije. Mu Burundi biragoye ko ibintu bihinduka ibintu vyifashe gurtyo.