Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwagirizwa ubusambanyi yicishijwe amabuye n’abarwanyi ba Al-Shabab
Uwagirizwa ubusambanyi yicishijwe amabuye n’abarwanyi ba Al-Shabab
mardi 30 Rusama 2017, par
BBC yanditse iyi nkuru ivuga ko Dayow Mohamed Hassan, w’imyaka 44, yahambwe kugera kw’izosi mu nyuma ategwa amabuye n’abagwanyi ba al-Shabab gushika acikane.
Yagirijwe kuba yagendana n’umugore yateye inda mu busambanyi kandi yari afise abagore babiri.
Al-Shabab iratanga mwenivyo bihano mu turere igenzura muri Somalia.
Mu 2014, hari umusore yatewe amabuye gushika aho apfa, yagirijwe gufata ku nguvu umukobwa.
Mu 2008, umwigeme yarishwe muri mwenubwo buryo yagirijwe ubusambanyi.
Mu gihe uwo yagirijwe ubusambanyi yariko yicwa hakoreshejwe amabuye, abantu amajana bariko bararorera mu karere ka Ramo Adey mu ntara ya Bay.
Egide NDUWIMANA
Messages
31 Rusama 2017, 15:02, par MANIRAMBONARAYIDI
YARAKWIYEKUGIRIRWA,IKIGORWEKUKOSIWE,ASAMBANAWENYENE