Home > Amakuru > Muri Afrika > Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Faso Blaise Compaoré yavuye (...)
Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Faso Blaise Compaoré yavuye mugacerere
Saturday 18 November 2017, by
Kuruyu wa gatanu itariki 17 Munyonyo, Blaise Compaoré yahoze arongoye igihugu ca Burkina Faso yavuye muga cerere yaramazemwo igihe kitari gito.Kuva mukwezi kwa Gitugutu 2015 aho yahungira mugihugu ca Côte d’Ivoire, ni ubwambere Blaise Compaoré agize ico ashikiriza kuvyo yama yagirizwa.
Ivyerekana ko asa n’uwarengewe n’ivyo aheruka kwagirizwa, aho havuzwe ko yoba akorana n’abagira iterabwoba mugihugu ca Burkina Faso.Muriryo kete, Blaise Compaoré yandika anegura aho bamwagirije ko akurana n’umuhari Al Qaïda uhora utera Burkina Faso.Yanditse ati «Birateye isonii n’akamaramaza kubona nagirizwa akabi nkako kugihugu canje.Niyompamvu nahisemwo kuva mugacerere kugirango niyamirize iyo ngendo.»
Muriryo kete, arongera agashimira uwamusubiriye Roch Marc Christian Kaboré kukugene akora atiziganya mukurwanya iterabwoba.Arongera akavuga ati «gukingira igihugu canje ibikorwa vy’iterabwoba vyari umwitwarariko wanje.Nibaza ko nabikoze neza muntumbero yo gukingira umunya Burkina Faso kumabi yose ajanye n’iterabwoba»
Pacifique BUKURU