Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Egypte yakuweko igihano c’ugupfa
Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Egypte yakuweko igihano c’ugupfa
mercredi 16 Munyonyo 2016, par
Sentare nkuru y’igihugu ca Misri yakuye igihano co gupfa ku wahoze arongoye ico gihugu, Mohammed Morsi.
Morsi yari yaciriwe igihano co gupfa kubera uruhara yagize mu gutorokesha abantu mur ntureka zabaye muri ico gihugu, mu mwaka w’2011.
Mohammed Morsi yatorewe kuba umukuru w’igihugu mu mwaka w’2012, ariko aza gukurwa ku butegetsi n’igisirikare inyuma y’umwaka, bivuye ku myiyerekano yo kwiyamiriza amategeko yiwe.
Mohammed Morsi yaciriwe imanza zitandukanye harimwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose yagirizwa iterabwoba, kandi n’ubu akaba akiriko araburanishwa ku bindi vyaha.
IGIHE
Messages
17 Munyonyo 2016, 03:53, par morodikayi.
Nafurwe ubuzima bwiwe bwose, kuko iyobagiye kubutegetsi bigira surivu mugutoteza abenigihugu, ukamengo nintakorwako. Na nkurunziza twifuza igihe nicashika ciwe, koyofurwa ubuzima bwiwe bwose, burimwaka akazohora azungurutswa uburundi bwose kugira ntituzokwibagire amabi yakoreye abenigihugu. murakoze
20 Munyonyo 2016, 10:45, par bushe, issa
morodikayi,nimbamwarasaze uwogutuma,umutware atwaranabi wozana,imvugakuri,nka nyenicubahiro, mutamawacu NKURUNZIZA niyirambire,abamaramara bamaramare,izonyanka burundi zidashima,imyakayarirengarenganye ninde yaribwakore,ivyiza,kibi,nukuctwara gushika,yezu agarutse,tuzoguma tumwongeza. tumwongeza.tumwongeza,mpaka, abamwanka bamaramare,