Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tchad yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tchad yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe (...)

Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tchad yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

vendredi 28 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Hissène Habré yahoze ari umukuru w’igihugu wa Tchad yahanishijwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, mu rubanza rwashikirijwe na Sentare idasanzwe i Dakar mu gihugu ca Sénégal.

Uwo yahoze aramutswa igihugu ca Tchad yagirijwe ivyaha bigizwe n’ubwicanyi ndengerabutungane.

JPEG - 44.6 ko
Hissène Habré yahoze ari umukuru w’igihugu wa Tchad

Hissène Habré azokorera ico gihano yahawe mu gihugu ca Sénégal, aho asanzwe apfungiwe kuva ahungiye muri ico gihugu mu mwaka w’1990, akuwe ku butegetsi. Hissène Habré yategetswe kandi kuzoriha indishi ku miryango yabuze abayo, akazotanga amafaranga agera ku miriyaridi 82 hamwe n’imiriyoni 290 z’amafaranga y’ama CFA.

Souleymane Guenguen, umukuru w’ishirahamwe ry’imiryango yakozweko n’ubwicanyi bwakozwe na Hissène Habré avuga ko ashimishijwe n’urubanza rwasomwe, akavuga ko yari amaze imyaka irenga 26 ariko akurikirana ko ubutungane bukora. Ku bwiwe, ni ubutumwa bukomeye ku bategetsi ba Afrika batwaza umukazo, babone ko atawuri hejuru y’amategeko.


IGIHE

Messages

  • Uwuzokurikira ni Gatinyashengero kumabi amaze akorera abarundi hamwe nazanterahamwe ziwe batazira imbonerakure!

  • Urubanza rwaciriwe uwo muhimbiri yaboze amenyo wa mengo ayatonoza ibikashi ! rurashimishije cane, nagende yi shure amabi yakoze. Na Nkurunziza Peter,twebwe abanyagihugu twifuza mubihe vyimbere koyocirirwa nkurwo rwaciriwe uyo mubisha, bikazobera akarorero abandi bazotwara uburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.