IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwahoze ari umukuru wa APRODH i Gitega yamanukanwe gupfungirwa i (...)

Uwahoze ari umukuru wa APRODH i Gitega yamanukanwe gupfungirwa i Bujumbura

jeudi 23 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Nestor NIBITANGA yahora arongoye ishirahamwe APRODH mu ntara ya Gitega yahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Nestor NIBITANGA yafatanwe impapuro ziriko ivyemeza vy’uguhungabanya umutekano.

Imbere y’uko atabwa muri yompi, abaporisi basatse ku rugo rwa Nestor NIYIBITANGA ruri muri Quartier Musinzira, muri komine n’intara ya Gitega, ariko nta kirwanisho bahatoye, atari izo mpapuro ziriko ivyo yagirizwa.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.