Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwoba agiye gusubirira Ban Ki Moon yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uwoba agiye gusubirira Ban Ki Moon yamenyekanye

Uwoba agiye gusubirira Ban Ki Moon yamenyekanye

mercredi 5 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Antonio Guterres, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Portugal, yagenywe kuzoba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akazoja mu kibanza cahoramwo Ban Ki Moon. Bitegekanijwe ko uwo munyamabanga mukuru wa ONU yemezwa kuri uwu wa kane.

JPEG - 50 ko
Antonio Guterres, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Portugal, yagenywe kuzoba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Inyuma y’incuro y’amatora yabaye, kuri uwu wa gatatu, mu kanama ka ONU kajejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, Antonio Guterres yatsinze n’amajwi cumi n’atatu.

Uwuserukira Uburusiya mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Vitaly Churkin, yatangaje ko bigaragara ko Antonios Guterres ariwe azoba umunyamabanga mukuru wa ONU mushasha. Amatora y’icese azoba kuri uwu wa kane, igihe c’isaha zine zo mu gatondo.

Kuri uwo munsi wa kane, akanama k’ishirahamwe ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi, kazokwemeza icese ingingo y’uguhitamwo, Antonio Guterres mu matora.

Ako kanama kazoca karungikira iyo ngingo inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yitezwe kwemeza ata kibazo igenwa rya Guterres.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.