Accueil > Amakuru > Poritike > Uwundi munyeporitike yatahutse mu Burundi
Uwundi munyeporitike yatahutse mu Burundi
lundi 6 Ntwarante 2017, par
Félix NDAYISENGA, yigeze kuba ariwe aserukira Uburundi mu gihugu c’Ububirigi yatashe mu Burundi, akaba yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana.
Félix NDAYISENGA yahora ari mu bagize urunani CNARED, akavuga ko amaze umwaka avavanuye n’urwo runani, kuko atashimye ingene rukora. Yari amaze imyaka ibiri n’amezi atatu adahonyoje ikirenge mu Burundi, akavuga ariko ko itahuka ryiwe ataho rihuriye na poritike.
Uwo yigeze kuba aserukira Uburundi mu Bubirigi atahutse inyuma y’aho hari n’abandi banyeporitike batatu nabo bagarutse mu gihugu c’amavukiro yabo bava mu Bubirigi. Abo nabo akaba ari Alice NZOMUKUNDA yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Mathias BASABOSE hamwe n’umushingamateka Joseph NTIDENDEREZA.
IGIHE
Messages
6 Ntwarante 2017, 08:53, par Cobla Rouge
Mchezo wa Ndani,uyu ntaco avuze muri Politique,CNARED muzokwicarana muganire,vyanka bikunda bizoba
6 Ntwarante 2017, 09:37, par Nkurumbi
Aha uwobatuma umunyepolitike mwozana uwo,uwo yamye ari umu dd ntagitangaje kirimwo nabandi ba dd bagiye gutahuka politike niko ikinwa.
6 Ntwarante 2017, 10:31, par karoro
bose bazotaha iburundi mugihugu cabo kiretse abanyakibi bahunga atawubirukanye
6 Ntwarante 2017, 15:28, par Watara. Bugenyuzi
Ndashimyekobariko.Bratah. Nabandinibaze.Twubakighugucacu .
6 Ntwarante 2017, 18:28, par Sinibagirwa John
@Cobra Mujeri!!! CNRED ubwo nayo uracyayizera!? Nkurunziza yabarangije kera. Umutekano niwose100% kandi nabanyepolitike baratanguye gutaha. Niba uri i Mahama uburundi ntibugukeneye komeza uhekenye impungure kugeza igihe uzarwarira urushwima
6 Ntwarante 2017, 21:51, par NYABENDA MANWERI.
BATAHUTSE BAJEGUFDIKANYA NABANDI KWUBAKA IGIHUGUC’ UBURUNDI. NIBAZE BOSE. BITEGURIRE AMATORA BATWEREKE UMUTIMA WOGUKUNDA UBURUNDI NABARUNDI MUBIKOGWA VYIZA. NDI NYABENDA MANWERI.
6 Ntwarante 2017, 21:54, par BANZUBAZ
NABANDI NIBAZE TWIYUBAKIRE IGIHUGU CACU NKUBU NYANGOMA NAMINANI BARACARINDIRIYIKI? BIBAZA NGO NDITIJE BARIKUMWE? OHOOO !!! NDABATWENZE
6 Ntwarante 2017, 22:58, par CYRIAQUE SIRABAHENDA
ARKO GA MANA!! POLITIQUE NUMUKINO UGOY KWLI!! ABAYIKINA NAB NIBANTAHOMPAGZ GUSAAA! IMAN NIYO IZI EJO HUBURUNDI N’ABARUNDI
7 Ntwarante 2017, 03:23, par Wakera
Iyo mbonerakure yari muri mission ya SNR itahutse izi politique yahe!!! Which school of politic science did he attend!!! We don’t need to pay attention on that bullshit !!! Yumvise ko abashinwa bazanye Buruguri araje kuyirya!!!!
7 Ntwarante 2017, 03:42, par Kwahiyo
Anobanyepolitike bakomejeguhunguka baratumalagame atakantu asubira gushira kumunwa.
Nimwitahire akome banaba data na mama.
7 Ntwarante 2017, 04:50, par Felix Muhire
Ariko ikimenyetso kibereka ko umuntu a’umunyapolitike canke umu DD n’igiki? Mbe ndakubaze, ari wewe wishwe n’iminihiro, ari n’abo wita aba DD bategeka igihugu, abanyapolitike wumva ar’abahe? Inzigo y’inyo ntimen’isi.
7 Ntwarante 2017, 14:52, par nzinahora vital
nibatahuke twubake icyatubyaye twunvikane guko ariryo rya gwagasore nandadaye nayibindi biva hanze yigihugu tubyima amatwi hari na bari munkambi yamahama bategereje ko imipaka ifungugwa
8 Ntwarante 2017, 14:05, par Emmanuel
Nibaz Twubake Igihugu Cac
8 Ntwarante 2017, 21:24, par Jaen
Nibatahuke Twubake Igihugu Cacu Camavukiro
9 Ntwarante 2017, 00:49, par Minani Jean
@wakera(kayihura Prudence=kanyombyi de Mons en Belgique)
9 Ntwarante 2017, 12:00, par Wakera(mabyi)
Ehhhh !! Uwo ni umu DD . Nzokwama mbatuka)
9 Ntwarante 2017, 23:39, par Uzziel
Nikaribu Iwacu Barisanze
12 Ntwarante 2017, 03:55, par Ntakirutimana AL Joel
Nibaze bicare ngaha mugihugu tuzowote twese izontagodwa zamazosi, umutama umwe niwe yigeze kuncira umugani ngo impongo iyisubiye kurwubuko ibipfuye, none koyari yahunze icoyari yahunze caraheze? Jewe benabo sinkunze kubemera kuko barateye amakenga!, abonibantarataze.