Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi ahamagarira Reta kuganira nabo (...)
Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi ahamagarira Reta kuganira nabo batavugarumwe
lundi 17 Mukakaro 2017
Mw’ijambo yashikirije kuwa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017,umunsi ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi bwahimbaza umunsi w’igihugu, Laurent DELAHOUSSE yasavye abarundi kubandanya inzira yo kurondera amahoro,no gukomeza umutekano w’abanyagihugu mu bice vyose.
Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi yamenyesheje ko igihugu aserukira,Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,akarere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe n’abandi bafasha Uburundi, bashigikiye Uburundi kugira bafashe mu mugambi wo kurondera amahoro.
Laurent DELAHOUSSE yavuze ko hageze ko hagarukanwa icizere mu bisata bitandukanye harimwo igisata co kumenyesha amakuru, kuko n’amasezerano ya Arusha ari mu vyatumye umwizero ugaruka mu barundi.
Laurent DELAHOUSSE yavuze ko ku ruhande rw’Ubufaransa bipfuza ko ibihano vyafatiwe Uburundi bihagarikwa, ariko ko ari igikorwa c’Uburundi kugira bishoboke ko ibihano bihagarikwa.
Ku ruhande rwiwe,umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ambass. Alain Aime NYAMITWE yaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori, yamenyesheje ko Uburundi bubandanya ibiganiro n’abafasha kugira bashike ku ngingo nziza.
Ambass. Alain Aime NYAMITWE yamenyesheje ko ibiganiro atari agaseseshwarumuri mu Burundi,kuko ari navyo vyama biza imbere mu gutorera inyishu ibibazo biba vyugarije igihugu.
Ambass. Alain Aime NYAMITWE yavuze ko ata mahoro ata terambere rishoboka,ari naco gituma abarundi bihaye intumbero yo kurondera amahoro mu gihugu biciye mu biganiro.
MUGISHA Van Naris
Messages
17 Mukakaro 2017, 13:19, par Albert
Sogongeza abo barundi ibyiza bya campain ya kagame mubaruhure umutwaro w’inzika n’umuvumo w’ubwicanyi, imyanda ku mitima.......birabaremereye hasigaye guturika imitwe.
Batoze uburere barabikeneye mwa banyamakuru mwe. Aho kutwereka nkurikiye murabona ko atabereye ijisho
17 Mukakaro 2017, 13:19, par Albert
Sogongeza abo barundi ibyiza bya campain ya kagame mubaruhure umutwaro w’inzika n’umuvumo w’ubwicanyi, imyanda ku mitima.......birabaremereye hasigaye guturika imitwe.
Batoze uburere barabikeneye mwa banyamakuru mwe. Aho kutwereka nkurikiye murabona ko atabereye ijisho