Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwuserukira Uburundi muri Tanzaniya yahojeje imiryango y’abanyeshure 31 (...)
Uwuserukira Uburundi muri Tanzaniya yahojeje imiryango y’abanyeshure 31 baguye mw’isanganya
lundi 8 Rusama 2017, par
Imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" yarimwo abo banyeshure bo kw’ishure Lucky Vincent hamwe n’abigisha babo babiri yagize isanganya igeze i Arusha. Abo banyeshure bariko baja gukora ikibazo, n’uwariko arabunguruza akaba nawe yitavye Imana. Iyo modoka yatembagariye mu mwonga hafi y’igisagara ca Karatu.
Abaguye muri iryo sanganya ni abanyeshure 31, abigisha babiri, hamwe n’uwariko arabunguruza muri iyo modoka.
Ukubashingurana iteka vyabaye kuri uwu wa mbere, ahari abaserukira Reta hamwe n’abandi bategetsi batandukanye. Reta ya Tanzaniya ikaba ariyo yarishe amafaranga yose ajanye n’ico gikorwa, yaba kugura amasandugu canke kwunguruza abaje muri ayo maziko. Inkuka y’imisa y’ukubasabira ku Mana, hamwe n’ukubasezera irya nyuma vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru c’i Arusha.
NDUWIMANA
Messages
8 Rusama 2017, 16:32, par Nimbona Isaac
Mungu Awaraze Mahali Pema Peponi Wadogo Zetu Madada Zetu Amen.
9 Rusama 2017, 10:45, par ndayishimiye.jaen.marie
Numubabaro.Kubavye.Babibarutse.Noku,gihugu.Cabo.Nosaba.Koboshiraho.Icibutso.
9 Rusama 2017, 16:02, par Barutwanayo
Yoo ! Nanje Ndahojeje ImirYANGO YAbuze mugabo leta yatanzaniYa yarikwiYE Kubaha nagafaranga ko kuririrako murakoze