IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela : Nicolas Maduro yasubiye gutorerwa kurongora igihugu

Venezuela : Nicolas Maduro yasubiye gutorerwa kurongora igihugu

lundi 21 mai 2018

Umukuru w’umurwi utegura amatora mu gihugu ca Venezuela Tibisay Lucena, yavuze ko Nicolas Maduro yatinze amatora ku majwi 67,7 kw’ijana, mu gihe uwo bahiganwa Henri Falcón, yaronse amajwi 21,2 kw’ijana.

Naho Nicolas Maduro yatsinze amatora, amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko abaye amatora ya mbere muri kahize k’igihugu ca Venezuela yitabwe n’abantu bake, kuko yitabwe gushika ku bice 46 kw’ijana gusa.

JPEG - 47.9 ko
Nicolas MADURO, Umukuru w’igihugu ca Venezuela

Nicolas Maduro yavuze ko abanyavenezuela ari inguvu z’akahise zahindutse intsinzi y’abanyagihugu, kandi ko ari intsinzi y’abanyagihugu yamaho.

Ku ruhande rwiwe, Henri Falcón yatsinzwe mu matora, amenyesha ko atemera ivyavuye mu matora, kuko yaranzwe n’utunenge, agasaba ko ayo matora asubirwamwo.

Abantu bababa imiriyoni 20 nibo bari bitavye ayo matora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.