Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Vichou yasohoye video y’ururirimbo yikoranye kandi yamuzimvye
Vichou yasohoye video y’ururirimbo yikoranye kandi yamuzimvye
mardi 7 novembre 2017
Video y’ururirimbo "Vurugu" ibonekamwo Vichou wenyene mu bagize umurwi Peace and Love. Itangura Vichou yinjiye mw’isengero biboneka ko ari muri Paroisse Saint-Michel.
Indirimbo "Vurugu" yakozwe n’umuhinyanyuzi Brian Smith ku mafaranga bivugwa ko ashika imiriyoni zitanu.
Ikindi gishasha muri iyo ndirimbo n’uko Vichou yaririmvye mu Giswahili gusa ibitari bimenyerewe. Twagerageje kumuhamagara ngo atange umuco ku bibazo bimwe bimwe cane cane icatumye ayikorana kandi ari mu murwi ariko twamubuze kuko ngendanwa yari izimije.
Raba aha munsi video y’ururirimbo"Vurugu" yakozwe ku mafaranga menshi
Cherif NKESHIMANA