Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vitalo FC waronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mu gikombe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Vitalo FC waronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mu gikombe (...)

Vitalo FC waronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mu gikombe c’umukuru w’igihugu

dimanche 3 juin 2018

Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga Umuco co mu ntara ya Muyinga, umurwi Vitalo kuva urukino rugitangura, warerekanye ko ukeneye intsinzi, mbere ku munota wa 18 w’igice ca mbere, umukinyi Hassan BIZIMANA yinjiza igitsindo cawo ca mbere.

Umurwi Vitalo ntiwicaye, kuko wagumye usatira, gushika naho ku munota wa 41 w’igice ca mbere, umukinyi Christian MBIRIZI yinjiza igitsindo ca Vitalo FC ca kabiri, igice ca mbere c’urukino gica gihera ari ibitsindo bibiri vya Vitalo FC, ku busa bwa Burundi Sport Dynamic.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi Burundi Sport Dynamic nawo waje ufise inguvu, ku munota wa 53, umukinyi David SINIBAGIYE aca atsinda igitsindo cawo ca mbere, ariko urukino ruca rurangira ata kindi gitsindo kibonetse muri urwo rukino.

Bitegekanijwe ko umurwi uzokina na Vitalo FC mu rukino rwa nyuma, umenyekana kur’uyu w ‘Imana igenekerezo rya 3 Ruheshi 2018, inyuma y’urukino ruhuza Olympic Star na Delta Star, ku kibuga Urukundo co mu ntara ya Ngozi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.