Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vital’o yasezeye ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’o yasezeye ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu (...)

Vital’o yasezeye ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo

lundi 20 Ruhuhuma 2017

Umurwi wa Vitalo FC wavuye mw’ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo,inyuma yo gutsindwa igitsindo kimwe ku busa n’umurwi wa CF Mounana wo mu gihugu ca Gabon, mu rukino rwabaye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Kuva mu ntango y’urukino rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE,umurwi wa CF Mounana wagumye werekana ko waje ukeneye gutsinda kuko waronse uburyo bwinshi bwo gutsinda naho utashoboye kuronka igitsindo gushika igice ca mbere gihere.

Ku munota wa 5 w’igice ca kabiri c’urukino, naho umurwi wa Vitalo waje wahinduye imikenyuro,umurwi wa CF Mounana waratsinze igitsindo kivuye ku mupira watewe uvuye mu nfuruka.

Gushika urukino ruhere nta murwi wasubiye gutsinda igitsindo, naho nyene umurwi wa Vitalo ubicishije ku mukinyi Emery NIMUBONA batazira Kadogo wagerageje gusatira.

Urukino rwaheze ari igitsindo kimwe ca CF Mounana ku busa bwa Vitalo, umurwi wa CF Mounana uca uheza igice ca mbere ufise ibitsindo 3 ku busa bwa Vitalo, kuko mu rukino rwa mbere umurwi wa CF Mounana watsindiye muri Gabon ibitsindo bibiri ku busa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.