Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vladimir Putin yavuze ko ata mugambi afise wo gucanishamwo abanyagihugu mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Vladimir Putin yavuze ko ata mugambi afise wo gucanishamwo abanyagihugu mu (...)

Vladimir Putin yavuze ko ata mugambi afise wo gucanishamwo abanyagihugu mu bihugu vya Buraya

mercredi 6 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko yabivuze imbere y’uko ashika mu gihugu ca Autriche, mu rugendo rwiwe rwa mbere rw’uno mwaka ku mugabane wa Buraya.

Iradiyo y’abongereza BBC, ivuga ko Vladimir Putin yavugiye ku mboneshakure y’igihugu ca Autriche ORF, ko yipfuza kubona Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rigiye hamwe kandi rigatera imbere.

Umugambwe United Russia ucuditse na Vladimir Putin ufise imigenderanire n’imigambwe y’intagondwa y’i Buraya, ivyo bigatera akoba imigambwe y’abaharanira ukwishira n’ukwizana.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Vladimir Putin yaboneyeho n’akaryo ko guhakana ko umugambwe United Russia ufitaniye imigenderanire n’umugambwe w’intagondwa Freedom Party (FPÖ) wo mu gihugu ca Autriche.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.