Accueil > Inkino > volley-ball > Volley Ball : Rukinzo mu bagabo na Muzinga mu bigeme zatwaye ibikombe (...)
Volley Ball : Rukinzo mu bagabo na Muzinga mu bigeme zatwaye ibikombe vy’ihiganwa
lundi 16 avril 2018
Mu rukino rwabaye ku ruhande rw’abagabo, umurwi Rukinzo watsinze amaseti atatu ku busa ya Muzinga w’abasirikare.
Ku ruhande rw’abigeme, umurwi Muzinga w’igisirikare watsinze umurwi Gender Light Club amaseti atatu kuri imwe.
Imirwi yatsinze yahawe ibikombe, mu gihe icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE, bafashije kugira urukino rwa Volley Ball rutere imbere bahawe impapuro z’iteka.
MUGISHA Van Naris