Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vyinshi ku muririmvyi Khadja Nin - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Vyinshi ku muririmvyi Khadja Nin

Vyinshi ku muririmvyi Khadja Nin

lundi 26 Munyonyo 2012

Umuririmvyi Khadja Nin yavukiye mu Burundi italike 27 ukwezi kwa Ruheshi mu mwaka w’1959. Se wiwe yaraserukiye igihugu mumakungu. Uwo mwana wa nyuma mu bana umunani bo mu muryango iwabo, yatanguye kuririmba akiri muto. Yavukiye mu gisagara ca Bujumbura aho ku myaka indwi yaca yinjira muri korare y’abarimbira Imana kuri cathedrale Regina Mundi.

Umugwi wiwe wa mbere yawutanguye neza na neza mu mwaka w’1973 imbere yuko aja kwiga i Kinshasa mu gihugu ca Congo mu mwaka w’1975. Yubatse urwiwe mu mwaka w’1980 aca ajana n’umugabo n’umwana wiwe w’umuhungu w’imyaka ibiri kuba mu gihugu c’u Bubiligi mu mwaka w’1982. Umugabo wiwe yahavuye yitaba Imana haheze iminsi mikeya.

Inyuma y’ubuzi butari buke yakoze mu vyerekeye kuririmba mw’isengero, yahavuye ahura n’uwumufasha mu kuvuza igitari Nicolas Fiszman mu mwaka w’1985. Barikumwe banditse indirimbo zirenga mirongo ibiri, album ya mbere yayisohoye mu mwaka w’1992. Nka zose zari mu rurimi rw’igiswahili zivanze n’izindi zerekeye igihugu ca Bresil hamwe n’izindi ziri mu mudiho wa rock nk’iyitwa’’Mulofa’’.

JPEG - 111.2 ko
Kadja Nin ari kumwe n’umugabo we, ikirangirire mu masiganwa y’amamodoka, Jackie Ickx

Mu mwaka w’1994, yarasohoye album ya kabiri yitwa ‘’Ya Pili’’irimwo indirimbo zivanze izo muri Afirika y’uburengero, muri Cuba n’izindi. Zose zari mu rurimi rw’igiswahili kiretse imwe y’icongereza n’iyindi y’igifaransa. Muri izo ndirimbo harimwo iyitwa ‘’Sambolera Mayi Son’’ yamuhaye amahirwe yo gutera imbere. Iyo ndirimbo yarimwo amajambo yerekana ingene Khadja Nin abona ingene ibintu bihinduka kw’isi.

Mu mwaka w’1996, indirimbo yiwe yitwa ‘’Sambolera’’ yaracaguye n’imboneshakure yo mu Bufaransa TFI hanyuma iraca kenshi kuri iyo mboneshakure. Indirimbo ziwe zaragwiriranye mumwanya muto, ziragurwa cane, mbere acasohora album ya gatatu. Yaciye atanguza urugamba rwo kuzidandaza yise ‘’ Tugurishe album ibihumbi amajana abiri’’. Khadja Nin abona ko ari amahirwe ko umuririvyi wo muri Afrika ashimwa n’imboneshakure nka TFI.

JPEG - 19.2 ko
Ubwo Kadja Nin yari yitabiriye imihango yo gufunga ku mugaragaro Festival ya Monte Carlo ku nshuro yayo ya 52 mu kwa gatandatu uyu mwaka

Iyindi album Khadja Nin yayisohoye mu mwaka w’1998. Yari mu ndimi zibiri i kirundi n’i giswahili, yavugamwo amajambo ashika ku mutima cane cane yerekeye abana bo mw’ibarabara, intambara no kurwanya ubusumbasumbane mu bantu. N’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo Mandela yarakozweko n’indiribo y’uwo murundi, aho yavuga ‘’Mama’’ aho yayikoranye n’umuntu atwenza cane rurangiranwa Jeanne Moreau.

Mu mwaka w’1999, Khadja Nin yarabiciye biracika mu giteramo cabereye i New York muri reta zunze ubumwe za Amerika. Ntawuzokwibagira ingene baryoheye abantu italike 10 Nzero umwaka w’2000 mu gihugu c’u Bufaransa barikumwe n’abaririmvyi b’ibihangange nka Cheb Mami na Sting.

Muri kino gihe, Khadja Nin aba mu gisagara ca Monaco mu gihugu c’u Bufaransa. Avuga ko yifuza kuzohava asubira kuba mu gihugu ciwe c’amavukiro mu Burundi.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.