Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yahya Jammeh yagirijwe ko yagiye anyuruje imiriyoni 11 z’amadorare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Yahya Jammeh yagirijwe ko yagiye anyuruje imiriyoni 11 z’amadorare

Yahya Jammeh yagirijwe ko yagiye anyuruje imiriyoni 11 z’amadorare

lundi 23 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwahoze ari umukuru w’igihugu Yahya Jammeh aheruka gufunga igihugu yagirijwe ko yagiye asahuye mu kigega ca Reta amafaranga agera ku miriyoni 11 z’amadorare, nk’uko vyemezwa n’umuhanuzi wa Adama Barrow, umukuru w’igihugu mushasha wa Gambia aheruka gutorwa. Ayo mafaranga yakuwe mu kigega ca Reta mu kiringo c’indwi zibiri gusa.

Yahya Jammeh yagirizwa kandi ko yagiye atwaye imiduga y’agaciro hamwe n’ibindi bintu vyapakiwe mu ndege imbere y’uko agondozwa akarekura ubutegetsi. Mai Ahmad Faty, umuhanuzi w’umukuru w’igihugu mushasha Adama Barrow amenyesha ko abahinga muvy’ubutunzi bagiharura kugira bamenye agaciro k’ivyanyurujwe mu kigega ca Reta.

JPEG - 88.4 ko
Yahya Jammeh

Adama Barrow aracari i Dakar mu gihugu ca Reta aho yarahiriye, igenekerezo azotahirako kugira ashikire ubutegetsi rikaba ritaramenyeshwa. Abasirikare ba CEDEAO bakaba bamaze ariko kwinjira mu gisagara ca Banjul muri Gambia kugira bategure umuzo w’umukuru w’igihugu Adama Barrow.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.