Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zambiya : Hatangujwe umugambi wo gukura ku butegetsi umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambiya : Hatangujwe umugambi wo gukura ku butegetsi umukuru (...)

Zambiya : Hatangujwe umugambi wo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu

samedi 24 mars 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Edgar Lungu yavuze ko afise icizere ko uwo mugambi ataco uzoshikako, avuga kandi ko biriko bikorwa n’abitwaye muri sentare baratsindwa, bipfuza guhagarikisha intsinzi yiwe yo mu matora aheruka.

Abayoboke b’umugambwe "United Party for National Development" wo muri Zambiya, bavuga ko umukuru w’igihugu afise inyifato mbi kandi ko yiziziwe n’ibiturire, ari naco gituma bashaka ko akurwako icizere.

Iradiyo y’abongereza BBC, ivuga ko vyitezwe ko uwo mugambi uzohirirwako mu ndwi iza, ukaba washikirijwe inama nshingamateka kuwa kane igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018, uteweko umukono n’ica gatatu c’abashingamateka.

Kugira uwo mugambi wo gukurako icizere umukuru w’igihugu ca Zambiya wemezwe, hakenewe amajwi angana na bibiri vya gatatu mateka.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.