Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zambiya : Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta yarekuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambiya : Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta yarekuwe

Zambiya : Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta yarekuwe

mercredi 16 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Hichelema Haikanide arekuwe mu gihe yari yagirijwe ko yanse gutanga inzira igihe imiduga iherekeje umukuru w’igihugu Edgar Lungu iburijwe kurengana n’umuduga w’uwo yafashwe, umukuru w’igihugu ca Zambiya akaba yariko aja ku musi mukuru w’akaranga k’igihugu, mu burengero bw’ico gihugu.

Amakuru ava aho mu gihugu ca Zambiya amenyesha ko ishirahamwe Commonwealth riri mu bafashije kugira Haikainde Hichelema arekurwe.

JPEG - 121 ko
Hichelema Haikanide, umukuru w’abatavuga rumwe na Reta ya Zambia

Umunyamabanga mukuru wa Commonwealth, Patricia Scotland yari mu gihugu ca Zambiya mu ndwi iheze aho yashoboye kubonana n’umukuru w’igihugu Edgar Lungu na Haikainde Hichelema. Inyuma y’iyo mibonano, yamenyesheje ko Hichelema azorekugwa kubw’inyungu z’igihugu.

Haikainde Hichelema yari yapfunzwe mu kwezi kwa 4 uwu mwaka wa 2017.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.